Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Gwantanamo ikwiye kwugarwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Gwantanamo ikwiye kwugarwa

Amerika : Gwantanamo ikwiye kwugarwa

mercredi 1er Rusama 2013

Umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama, yamenyesheje ko ibohero rya Gwantanamo agiye kugwiza inguvu na kabiri kugira ryugarwe, iryo naryo rikaba riri mw’izinga rya Cuba.

Kubw’umukuru w’Amerika Barack Obama ngo ntibimutangaje kubona bafise ingorane i Gwantanamo, nico gituma bategerezwa kuhugara. Abandanya ashikiriza ko abanyamerika bose bakwiye kumenya ko Gwantanamo idakenewe ku bw’umutekano w’Amerika,ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abanditsi n’abanyamakuru kuri uyu wa 30 Ndamukiza 2013.

Abafungiwe ngaho i Gwantanamo bakaba bamaze indwi 12 bari muri yegereyegere, abahafungiwe bashika ijana baranse gufungura nkuko bimenyeshwa n’inzego za gisirikare zijejwe gucunga abo bapfungwa.

Abahapfungiwe kandi bemeza ko bamaze imyaka 11 batarumvirizwa,batagira n’icegeranyo c’ivyo bagirizwa, kubw’iyo mvo rero abo bapfungwa bakaba baranse ikintu na kimwe bazanirwa na cane cane cogufungura gushika aho bazotezurirwa.

Iryo bohero ryatanguye ku ntwaro ya Georges W. Bush mu mwaka 2002, ico gihe niho abanyororo ba mbere bashikanwayo bagirizwa ibikorwa vy’iterabwoba muri Amerika canke mu bihugu bicuditse na Leta zunze ubumwe za Amerika muri rusangi.

Obama yabandanije avuga ko agiye kubivugana n’abo vyega kugira barabe uko ico kibazo gitorerwa umuti hakiri kare, ngo ni vyakenerwa ko abo bapfungwa bimurirwa mu mabohero ari muri Amerika bazobirabira hamwe, ariko naho biri uko, hari abadashaka ko abo bagirizwa ivyo vyaha bazanwa mu gihugu cabo ku mvo z’umutekano w’igihugu cabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.