Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika: Hilary Clinton azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: Hilary Clinton azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu

Amerika: Hilary Clinton azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu

lundi 13 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Hilary Clinton yatangaje icese ko agiye guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, mu matora yo mu mwaka w’2016.

Hilary Clinton yahoze ari umunyamabanga mukuru wa Reta zunzubumwe za Amerika mu kiringo ca mbere Barack Obama, akongera akaba n’umutambukanyi wa Bill Clinton yahoze arongoye igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, yatangaje icese ko agiye kuzohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije mu 2016. Muri ayo matora akazitoza ku ruhande rw’abademokarate. Ivyo umupfasoni Hilary Clinton akaba yabishikirije, kuri uno w’Imana igenekerezo rya 12 Ndamukiza abicishije mu masanamu, yacishije ku rubuga ngurukanabumenyi.

Inyuma y’aho ahiganiwe n’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama agatsindwa mu mwaka w’2008, yari yarahiye ko atazosubira kwitoza ku giti c’umukuru w’igihugu, ariko uko imyaka yagiye igenda ivyiyumviro vyiwe bikaba vyagiye bihinduka buhorobuhoro. Mu cigwa cakozwe, basanze abo bari kumwe mu mugambwe bashobora kumuha amahirwe yo gutsinda ku majwi agera kuri 62 kw’ijana.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.