Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bw’abirabure (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bw’abirabure (...)

Amerika : Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bw’abirabure yabandanije

dimanche 10 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abirabure irambandanya muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, n’aho umukuru w’igihugu Barack Obama yahamagariye abanyagihugu kuguma bafatanye mu nda, inyuma y’aho abaporisi batanu barasiwe mu gisagara ca Dallas.

Umukuru w’igihugu Barack Obama yarahakanye ko Abanyamerika boba basubiye mu macakubiri nk’aya kera mu myaka y’1960, n’aho hari icuka kibi.

Ahenshi imyiyerekano yabaye mu mahoro, aho abantu bagenda bavuga bati : "ubuzima bw’abirabure nabwo ni ubuzima".

BBC ivuga ko muri Baton Rouge, abantu baharurwa mu majana bari bakoraniye hanze y’ibiro vy’igiporisi basemerera bati : "Ata butungane, nta mahoro". Abo bantu bari mu myiyerekano baja no mu kibanza Alton Sterling carasimwemwo umunyagihugu w’umwirabure.

Habaye kandi imishamirano hagati y’abayoboke b’umurwi wa "New Black Panther" bahanganye n’abaporisi bari bitwaje ibikoresho vyo gucuresha imigumuko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.