Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Inoti nshasha y’amadorare 100 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amerika : Inoti nshasha y’amadorare 100

Amerika : Inoti nshasha y’amadorare 100

mercredi 9 Gitugutu 2013

Leta Zunzubumwe z’Amerika zarasohoye inoti nshasha y’amadorare 100. Iyo noti yatanguye gukoreshwa muri ico gihugu kuva kuri uyu wa kabiri. Ikozwemu buhinga buhanitse cane. Intumbero yukwo kuyihindura akaba ariyo kugabanya ukwiganwa kw’inoti y’amadorare 100 yarihasanzwe kwiyo ..

Muri Leta Zunzubumwe z’Amerika hatanguye gukora inoti nshasha y’amadorare 100. Iyo noti yatanguye gukoreshwa kuri uyu wa kabiri ikozwe mu buhinga buhanitse cane bugoye kwigana. Iyo noti ikaba yari yahinduwe irya mbere mu mwaka 1996.

Muri iyo noti nshasha y’amadorare 100 irimwo umurongo w’ubururu. Ifise n’igishushanyo c’ikaramu zikozwe mw’iryubi. Kuri urwo ruhande nyene hariko n’agakombe kajamwo irangi ryo kwandika. ivyo bikaba biri impande ishusho rya Benjamin Franklin umwe mu batanguje Leta Zunzubumwe z’Amerika. Ku ruhande rundi hariko inyubakwa za Independence Hall ziri i Philadelphie. Inyubakwa Benjamin Franklin yashiriyemwo igikumu ku rwete rwo kwikukira kwa Leta Zunzubumwe z’Amerika hamwe n’ibwirizwa shingiro ry’ico gihugu.

JPEG - 36.8 ko
Impande zibiri z’inoti nshasha y’amadorare 100

Inoti nshasha y’amadorare 100 ikozwe mu rupapuro rukomeye, atari akamwanya (Plastic). Ihagarikwa ry’ugukora inoti nshasha ryari ryahagaritswe mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka w’2010, muri ico gihe umurwi w’inoti zo mu mwaka 2006A zari zisa nizahejejwe gukoreshwa.

Twobibutsa ko kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza mu mwaka w’2013, Leta Zunzubumwe z’Amerika zari zamenyesheje abanyagihugu bayo n’amakungu ko inoti nshasha y’amadolari 100 zizosohoka mu mwaka w’2013, kw’igenekerezo rya 8 Gitugutu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.