Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika :"Koreya ya ruguru nta misile ifise" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika :"Koreya ya ruguru nta misile ifise"

Amerika :"Koreya ya ruguru nta misile ifise"

vendredi 12 Ndamukiza 2013

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, bwatangaje ejo kumunsi wa kane, kw’igihugu ca Koreya ya ruguru kidafise ama misile ariko ibigwanisho ruhonyanganda.mucegeranyo c’iperereza rya gisirikare cari casohotse mw’ibanga, imbere yaho, ejo kuwa kane, hatangazwa kw’igihugu ca Koreya ya ruguru, gifise ubushobozi bw’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda bishobora gushirwa ku ma misile.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi George Little, yatangaje ko bitoba ariivy’ukuri kuvuga kw’igihugu ca Koreya ya ruguru cagerageje, catunganije, canke cerekanye ubushobozi bw’ubutare bwa nucleaire bwavuzwe murico cegeranyo.

Umushingamateka w’umu repuburika Dog Lamborn, yamesheje abategetsi b’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi ejo kumunsi wa kane, igihe hariko humvirizwa ibibazo bijanye n’amafranga Leta ya Amerika ikoresha. Mukuvuga ivyo Lamborn yongeyeko ko hari umurongo utari mw’ibanga wico cegeranyo c’iperereza rya gisirikare ca Amerika.

JPEG - 21.4 ko

Lamborn yavuze kandi kw’abategetsi bajejwe iperereza, bemera kw’igihugu ca Koreya ya ruguru gifise ibirwanisho ruhonya nganda bishobora gushirwa, ku ma misile ballistiques.

Abategetsi ba Amerika, bavuzeko atakinini bazi, kumigambi ya Koreya ya ruguru, ko yamara bategerezwa kwitega imigambi iteye ubwoba, y’ico gihugu.

Perezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje ko hageze kw’igihugu ca Koreya ya ruguru gihagarika inyifato yaco y’agasomborotso.

Perezida Obama yamenyesheje kandi ejo kumunsi wakane mu biganiro yagiraniye
mu biro vyiwe Maison Blanche, n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuza makungu, ONU, Ban Ki-moon ,kw’atanumwe ashaka kubona ingwano mu kigobe ca Koreya.

Yamara perezida Obama, yamenyeshejeko Leta zunze ubumwe za Amerika ko zizofata ingingo zose zikenewe, kugira zikingire, zongere zikingire ibihugu bicuditse nazo.Inteko z’Amerika

Inteko z’Amerika, n’inteko za Koreya y’epfo ziri kurugero ruri hejuru cane rw’ukuba magabo, kubera Koreya yaruguru ishobora kugerageza misile igihe icarico cose.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.