Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Ku myaka 19 y’amavuka, yemeje ko amaze kwica abantu barenga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Ku myaka 19 y’amavuka, yemeje ko amaze kwica abantu barenga (...)

Amerika : Ku myaka 19 y’amavuka, yemeje ko amaze kwica abantu barenga 20

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Abavuze ko ubuto ataribwo bwerekena ubutore boba basa n’abavuze ukuri. Mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika hari umwigeme w’imyaka 19 y’amavuka, ava mu gisagara ca Pennsylvaniya, yafashwe yagirizwa ubwicanyi. Yemeje ko amaze kwica abantu incuro zirenga kuri 20.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’ikinyamakuru c’i Pennsylvaniya, umwigeme azwi kw’izina rya Miranda Barbour, akagira imyaka 19 y’amavuka, yiyemereye ko amaze kumena amaraso y’abantu barenga kuri 20 muri Reta nzunze ubumwe za Amerika, na cane cane muri Alaska.

JPEG - 28.3 ko
Miranda Barbour

Uwo mwigeme Miranda yafashwe mu kwa kwezi kwa Munyonyo 2013 aho yari ahejeje kwica umugabo w’imyaka 42 y’amavuka. Yameye ko ariwe yamwishe abifashijwemwo n’umugabo wiwe inyuma y’aho yari ahejeje kubona ifoto y’ikiziga c’uwo yishe mu kinyamakuru "Craigslist" gikorera ku murongo ngurukanabumenyi.

Miranda ati : "Ndacibuka vyose, wamenga ndiko ndaraba ireresi”. Ivyo yabibwiye ikinyamakuru “Daily Item” gisanzwe gikorera i Pennsylvaniya. "Nshitse ku ncuro ya 22, sinasubiriye guharura igitigiri ngezeko c’abo maze kwica”.
Umwigeme Miranda akaba yemeje ko inyuma yo kwica uwo mugabo w’imyaka 42, bwabaye ubwa nyuma asheshe amaraso mu bw’icanyi yari amaze iminsi akora muri Reta nzunze ubumwe za Amerika, na cane cane muri Alaska.
Ivyo Miranda Barbour yavuze vyose vyatumye igiporisi cose co muri Reta nzunze ubumwe za Amerika kiza kuraba aho yari amaze iminsi ari kugira cibande ku bwicanyi bwose bwakozwe bakabura ubabwagirizwa, gukira barabe ko ata sano rihari n’ivyo yavuze.

Miranda akavuga kandi ko kuba yarafashwe ku nguvu igihe yari akiri umwana vyoba biri muvyatumye igira iyo nyifato iteye amakenga.

Twobamenyesha ko uwo mwigeme yivugira ko yatanguye kwica afise imyaka 13 y’amavuka, abisunikiwemwo n’umugabo aturuka i Alaska, uwo nawe akaba ari mu karwi bivugwa ko gakoreshwa n’ibinyakuzimu (secte satanique).


Mariella Bukuru

Messages

  • Bantu b’Imana uyo yinjiriwe namadayimoni.niyo yamukoresha ivyo vyose.rero aho yiyemereye icaha n’Imana yagomvye kumurokora.ntibamuphunge ngo bafashe inkozi yikibi,ahubwo bamutege amatwi,abahe ubuhamya bwIvyimana yamukoreye murakoze avite

  • Bantu b’Imana uyo yinjiriwe namadayimoni.niyo yamukoresha ivyo vyose.rero aho yiyemereye icaha n’Imana yagomvye kumurokora.ntibamuphunge ngo bafashe inkozi yikibi,ahubwo bamutege amatwi,abahe ubuhamya bwIvyimana yamukoreye murakoze avite

  • uwo mwigeme numwere! kuko ivyo yakora ga nuko yasinzikajwe umutima igihe yafawa kungufu!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.