Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Leta ya California ibandanya guterwa n’impanuka y’umuriro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Leta ya California ibandanya guterwa n’impanuka y’umuriro

Amerika : Leta ya California ibandanya guterwa n’impanuka y’umuriro

mardi 27 Myandagaro 2013

Muri Leta Zunzubumwe z’Amerika, muri Leta ya California habandanya kuvugwa impanuka y’umuriro yateye ishamba cimeza ryitwa “Yosemite”, aho ibirometero 600 arivyo bimaze gusinzikara.

Gushika ubu, ibintu bitandukanye muri iyi ntara bibandanya kwononwa n’uwo muriro umaze iminsi 10, mukamenya ko vyunyuwe n’inguvu z’umuyaga aharangwa, ari nawo utuma uwo muriro utazima. Ingomero z’umuyagankuba n’amazi zikaba ari zo zibandanya gusha.

Daniel Berlant ajejwe amashamba no kurwanya umuriro muri iyo ntara amenyesha ko uwo muriro watanguriye mw’ishamba rya Stanislaus National Forest, ariko icawuteye kikaba kitaramenyekana gushika ubu. Umuyobozi w’intara ya California Jerry Brown avuga ko iyo ntara iri mu bihe bidasanzwe, ni mu gihe uwo muriro ubandanya guturira bimwe bikomeye intsinga zijana umuyagankuba mu gisagara ca San Francisco.

Yabandanije avuga ko inyotsi iriko iterwa n’uwo muriro uri mu gace gasanzwe karimwo ivomo rya Hetch Hetchy ritanga amazi ku bice 85 kw’ijana mu gisagara ca San Francisco, ariko hakaba hari icizere ko atarandura ku buryo atokoreshwa.

Kugeza ubu, ingomero zibiri kuri zitatu zitanga umuyagankuba mu gisagara ca San Francisco zose zamaze kwononekara bikomeye, nk’uko inzego z’ubutegetsi muri ico gisagara zibitangaza.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.