Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika: "Turazi uwakoresheje ibirwanisho vy’ubumara" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: "Turazi uwakoresheje ibirwanisho vy’ubumara"

Amerika: "Turazi uwakoresheje ibirwanisho vy’ubumara"

samedi 31 Myandagaro 2013

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, John Kerry, avuga ko Amerika izi ahavuye, igihe, hamwe n’uwakoresheje ibirwanisho vy’ubumara muri Syria.

Mw’ijambo yacishije ku mboneshakure asigura igituma Amerika igomba gutera Leta ya Syria, Kerry yavuze ko abanye Syria bashika 1429 bishwe muri ico gitero, harimwo abana 426. Yavuze ko ibimenyetso bihweje vyerekana ko abakozi ba Leta ya Syria bari mu kibanza igitero cabereyemwo iminsi itatu imbere y’uko kiba, bariko baragitegura.
Kerry yavuze yuko gufata ingingo mu guhangana n’ivyaha bihohotera ikiremwo muntu ari inshingano y’ubutegetsi ba Amerika, bikanayigirira akamaro ku gihagararo cayo.

Mu gihe Kerry yashikiriza iryo jambo, icegeranyo cari cagizwe ibanga kuri ico gitero caciye gishirwa ahabona.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.