Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Umubikira w’imyaka 84 yaciriwe umunyororo w’imyaka ine - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umubikira w’imyaka 84 yaciriwe umunyororo w’imyaka ine

Amerika : Umubikira w’imyaka 84 yaciriwe umunyororo w’imyaka ine

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Amakuru ava mu gihugu ca Reta nzunze ubumwe za Amerika amenyesha ko hari umubikira w’imyaka 84 y’amavuka yaciriwe umunyororo w’imyaka ine yagirizwa kuba yarashoboye kwinjira inyubakwa isanzwe icungerewe bikomeye ikora ibirwanisho ruhonyanganda y’i Tennesse. Aho ni mu gihe we yipfuza gupfungwa imyaka yiwe yose asigaje kubaho.

Sentare y’i Tennesse muri Reta nzunze ubumwe za Amerika, kuri uyu wa kabiri wa 19 Ruhuhuma 2014 yaciriye umunyororo w’imyaka ine umubikira Megan Rice w’imyaka 84.
Umubikira Megan Rice yarenganye inzitiro nyinshi z’abacungera umutekano karuhariwe b’inyubakwa ikora ibirwanisho ruhonyanganda, aho hari mu kwezi kwa Mukakaro 2012. Megane akaba yari yaje aherekejwe n’abasirikare babiri kugira ashobore kuhinjire. Yagiye gufatwa inyuma y’amasaha abiri ari muri iyo nyubakwa itinjirwa n’uwariwe wese.

JPEG - 46.8 ko
Umubikira Megan Rice w’imyaka 84.

Umubikira Megan ari kumwe n’abo basirikare babiri bari bamuherekeje, bari bafashe igitambara baca bandika bakoresheje irangi rikorwamwo amabombe, bavuga bati : "Nimukore murondera amahoro mureke intambara". Baciye baduza ico gitambara kuri iyo nyubakwa, ari naho baciye babafata.

Kubw’ivyo vyabaye muri iyo nyubakwa, bakaba baciye bongereza umutekano mu zindi nyubwakwa zisanzwe zikora ibirwanisho ruhonyanganda. Kuva aho yagiriwe n’ico caha mu mwaka uheze w’2013, umubikira Rice yisabiye umucamanza Amul Thapar kwongereza igihano ku caha yakoze.
Nk’uko vyamenshejwe n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu, Rice yisabiye avuga ati : "Ndabasavye ntimungirire ikingongwe na gato. Kubwanje, kuguma mu munyororo ubuzima bwanje bwose nsigaje kubaho, ni iteka ridasanzwe jewe nzoba ntewe."

Mukamenya ko n’abasirikare bari bamuherekeje, aribo Michal Walli w’imyaka 64 y’amavuka na Greg Boertje-Obed w’imyaka 58 baciriwe umunyororo w’imyaka itanu.


Mariella Bukuru

Messages

  • Yooo none yabonye ko ari mwikos’aca yisabira go bamupfunge imyaka yose asigaje.ariko america iratinya buriya ntabwo bari bigiriye kuzunguruka.mpande yaho hanyuma bakabagiraho ubwoba.ewe nagenda nabona abaswa.

  • Ngo hari hacunzwe!ntamacungireharumuntu asanzwe wumu civile yokwinjiraahantu nkaho,ahubwo bari gupfunga abari bahacunze nayo wewe ararengana yaberetseko vyose bishoboka,urumva numwansiyokwinjirabitagoranye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.