Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika: Uwavuze amabanga y’igihugu yishize ahabona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: Uwavuze amabanga y’igihugu yishize ahabona

Amerika: Uwavuze amabanga y’igihugu yishize ahabona

lundi 10 Ruheshi 2013

Ubushikiranganji bw’ubutungane muri Leta zunzubumwe z’Amerika buriko bukora amatohoza ku muntu akora mu biro bishinzwe igendereza rya Leta zunzubumwe z’Amerika yatanze amakuru y’ibanga mu buryo butemewe n’amategeko.

Edward Snowden yashize ahagaragara imyirondoro yiwe, ku bushake bwiwe inyuma yaho mu ndwi iheze amenyeshereje ko ibiro bishinzwe igendereza rya Leta zunzubumwe z’Amerika bigenzura mw’ibanga za ngendanwa zose, ndetse n’ubutumwa buca mu nyabwonko n’ubundi buhinga bwo gutumatumanako bukoreshwa n’abanyamerika.

Edward yavuze ko uko igendereza rikora iryo genzura, bihungabanya agateka ka zinamuntu n’intwaro rusangi. Ibiro bishinzwe igendereza muri Leta zunzubumwe z’Amerika ariko vyavuzwe ko iryo genzurwa rikurikije amategeko.

Umushikiranganji w’ugufashanya n’ibindi bihugu wo mu Bwongereza William Hague, nawe abantu barindiriye ko agira ico abivugako kuko ivyo birego binavugwa ku biro bishinzwe igenderereza ry’Ubwongereza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.