Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika: Uwujejwe gucungera ikibuga c’indege i Accra yafashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: Uwujejwe gucungera ikibuga c’indege i Accra yafashwe

Amerika: Uwujejwe gucungera ikibuga c’indege i Accra yafashwe

vendredi 7 Ruheshi 2013

Umukuru ajejwe gucungera umutekano ku kibugac’indege mpuzamakungu Accra muri ghana yahagaritswe n’igipolisi ca Leta zunzubumwe za Amerika. Solomon Adelaquaye yagirizwa gukora urudandazwa rw’ibiyayuramutwe.

Abo bafadikanya muri ubwo bubisha batatu baza bahamagajwe nabo nyene.
Iryo rengutswa rero ryakozwe kuva kw ’igenekerezo rya 9 gushika 16 rusama n’inyishu y’amatohoza yakozwe n’inzego za Ghana hamwe niz ‘abanyamerika zigwanya ibiyayuramutwe,ku birego yagirizwa,Solomon Adelaquaye n’abo bafatanije icaha boba bari bacishijeho urumogi rwitwa heroine ruca muri Ghana ruja muri Leta zunzubumwe za Amerika mu kwezi kwa Ruhuhuma 2012.

Ikilo c’urumogi banyegeje mu nyabwonko (ordinateur) aho uwutwara umutekano ku kibuga c’indege c’i Accra yagerageje ibishoboka vyose araca mu ryahumye abajejwe gucungera ico kibuga c’indege. Amahera yatanze kugira ashobore kurenganisha urwo rumugi akaba ari ama dorari 10.000 ,uyo mugabo akaba afise imyaka 48 y’amavuka akaba ari nawe yari arongoye ishirahamwe ry’abikorera utwabo rijejwe gucungera umutekano w’ibibuga vy’indege vyinshi vyo muri ico gihugu.

Mu kwezi guheze ,uwo mugabo nyene n’abo bafatanije muri urwo rudandazwa rw’ibiyayuramutwe, baribateguye kurenganisha itoni zitatu za cocaine .Ubu naho yari amapake y’ibiro 25 n’iyo yarafashe iyo nzira nyene. Ariko rero abaguzi bayo bari abanyamerika mugabo binyegeje bakingiwe. Adelaquaye n’abo banya nigeriya bahamagajwe kuri uwu wa 9 Rusama muri Leta zunzubumwe za Amerika. Umunye colombiya ,afise imyaka 72 bakorana yarahagaritswe muri Colombiya. Mu vyo bamurega kandi ngo harimwo ko ariwe yaranatwaye ibiyayuramutwe abivana muri Afghanistan gushika muri Ghana.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.