Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yagabishije ingenzi ku bitero bishobora gukorwa na Al (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yagabishije ingenzi ku bitero bishobora gukorwa na Al (...)

Amerika yagabishije ingenzi ku bitero bishobora gukorwa na Al Quaida

samedi 3 Myandagaro 2013

Igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika casohoye itangazo rimenyesha ko hashobora gukorwa ibitero cane cane mu karere k’uburasirazuba bwo hagati, no mu buraruko bwa Afrika.

Iryo tangazo rije mu gihe Leta zunze ubumwe za Amerika zari zatangaje ko zigiye kwugara bimwe mu biro vy’abaserukira ico gihugu bigera kuri 20, ejo ku munsi w’Imana.

Ico kiringo co kwigengesera kizoherana no kw’igenekerezo rya 31/08/2013. Ubutegetsi bwa Amerika bugasaba rero abanyagihugu babwo bari mu ngendo kuguma barikanuye.

Amakuru ariko aravurwa kandi yo kwizerwa n’uko Al Qaida n’iyindi mirwi bicuditse, ikomeza gutegura ibitero ku banyamerika ao bari hose.

Birakekwa ko iyo mirwi ishobora gukora ivyo bitero muri iki kiringo kugeza mu mpera z’ukwezi, nk’uko iryo tangazo ribivuga. Muri iryo tangazo, Leta zunze ubumwe z’Amerika ziragabisha ko ibibanza bishobora guterwa ari ahakunda gukoranira abantu benshi n’ahagenderwa naba mukerarugendo.

Leta zunze ubumwe z’amerika sizo zonyene zitinya ibitero bishobora gukorwa n’abihevyi. N’ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe imigenderanire n’amakungu, bumenyesha ko ibiro vy’uwubuserukira muri Yemen bizoba vyugaye ku munsi w’Imana no kuwa mbere.

Umurwi wa Al Quaida woba ufise umugambi wo gutera ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu bihugu vy’abislamu. Nk’uko bimenyeshwa n’imboneshakure CBS, ubuserukizi bwoba bugiye kwugarwa ni ibisagara vyo mu bihugu bimwe bimwe vy’abanyislamu nka Abou Dhabi, Bagdad hamwe na Kayiro mu Misiri.

JPEG - 22.3 ko
Inyubakwa y’ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe z’Amerika mu Misiri

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.