Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yarashize ahabona icegeranyo ku buzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yarashize ahabona icegeranyo ku buzi

Amerika yarashize ahabona icegeranyo ku buzi

samedi 8 Ruheshi 2013

Igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika catangaje ko isoko ry’akazi ryongereje ubundi buzi ibihumbi ijana na mirongo indwi na butanu mu kwezi guheze, yamara urugero rw’abatagira akazi rwariyongeye gushika ku bice indwi n’ibice bitandatu kw’ijana.

Icegeranyo casohotse cerekana ko ibibazo bibandanya kwibonekeza ku vyerekeye ubutunzi bwa Amerika, busanzwe bufatwa nk’ubukomeye kurusha ubutunzi bw’ibindi bihugu vyo kw’isi, mu gihe buriko butera bunaguka, buvuye mu bibazo bikomeye bwagize, mu mwaka w’2009.

Leta ya Amerika yatangaje ku musi w’ejo kuwa gatanu ko ubuzi bwiyongeye mu kwezi guheze mu bisata vy’ubudandaji, uburiro n’amaduka.

Yamara abitegereza ibintu barafise ibibazo ku kugene urugero rw’ubushomeri rushobora kugabanuka mu mezi ari imbere.

Ico cegeranyo gishasha ku vyerekeye akazi casohotse ku musi w’ejo kivuga ko abantu imiliyoni cumi n’umwe n’ibihumbi amajana umunani bari bakiriko bararondera akazi mu kwezi kwa gatanu, ko ata kinini cahindutse kuva mu kwezi kwa kane igihe urugero rw’ubushomeri rwari indwi n’ibice bitanu kw’ijana.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.