IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amerika yemeye kurungika FBI mu matohoza ku biziga abarundi n’abanyarwanda (...)

Amerika yemeye kurungika FBI mu matohoza ku biziga abarundi n’abanyarwanda bihakanye

samedi 27 Nyakanga 2014

Reta zunze ubumwe za Amerika zasavye Uburundi n’Urwanda ko hokorwa vyihutirwa amatohoza ataho yegamiye kuri vya biziga vyatorwa ku kiyaga Rweru. Kuvyashikirijwe na Amerika ko yoshobora kurungika abahinga bo muri FBI gufasha mu matohoza, Reta y’Uburundi imenyesha ko ayo matohoza ariyo azofasha kwerekana amamuko y’ivyo biziga, gutyo impari ziri hagati y’ivyo bihugu bibiri kuri abo bantu bagandaguwe zihagarare.

Kuva mu kwezi kw’indwi, abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru bamenyesheje ko bagumye babona ibiziga bireremba kuri ico kiyaga, kenshi bikaba biboshwe, bitekeye mu magunira. Kuva mu kwezi kw’indwi, ibirenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesheje ko ata miryango irababwira ko yabuze ababo, no ku ruhande rw’Urwanda bakaba babihakana. N’aho impande zompi zimenyesha ko amatohoza yamaze gutangura, amanuko y’ivyo biziga ntaramenyekana, ibihugu vyompi bikamirira kure ko bitobibazwa.

Mu gihe Reta y’uburundi yaciye ifata ingingo yo guhambisha ivyo biziga ku mvo z’ugukingira amagara y’abanyagihugu n’ay’abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru, Amerika yasavye ko hokorwa amatohoza yihutirwa, kandi ataho yegamiye. Nk’uko vyashikirijwe na Jennifer Psaki, umuvugizi wa Reta ya Amerika, abo bantu bagandaguwe bagatabwa mu kiyaga Rweru bategerezwa kumenyekana, imiryango yabo ikamenya ukuri, n’ababagandaguye bagashengezwa mu butungane. Reta ya Amerika yemeye ko ishobora kurungika abahinga ba FBI (Federal Bureau of Investigation), bagafasha mu matohoza. Reta y’Uburundi imenyesha ko ishigikiye ko hokorwa ayo matohoza, kuko ariyo azofasha kwerekana amamuko y’ivyo biziga, gutyo impari ziri hagati y’ivyo bihugu bibiri kuri abo bantu zihagarare.

JPEG - 55.6 ko
Jennifer Psaki, umuvugizi wa Reta ya Amerika

Reta ya Amerika isavye ko hokorwa ayo matohoza inyuma y’aho abantu batashoboye kumenyekana bagerageje kwegera ahahambwe ivyo biziga. Amakuru ava mu ntara ya Muyinga, komine Giteranyi akamenyesha ko hoba hari umugambi wo kuzura ivyo biziga, n’aho atawurashobora kumenya impamvu.


Egide Nduwimana

Messages

  • aho basha nico ndabashimira dufashe dushengeze ibinywa maraso (les criminels)

  • Gerageza murabeko mwodufasha ahobinyegereje mukwica imvuga kuri turabe ico bazireguza niyo intahe yabakubita mugahanga.

  • jewe nteyinzuzi zanje zanyeretse ko amatohoza ari aja aho hakurya

  • abo bahinga nibanyarutse ayo matohoza kugira ukuri kuje ahabona abantu bareke kugandagurwa bunyamaswa.

  • Nirek Kwizempera Birirwa Baratesha Umwanya Abantu Abo Bantu Nabarundi Bishw Kubera Batavuga Rumw Numugambw Ur Kubutgets Ab Dd Muzopfa Mwihamb Intahe Niyafata Ijambo

  • abo mutazi ni aba nyamerika mu kurengera abanyagwanda. reka baze bahamirize ko ibiziga ari iby’ abarundi mwumirwe. iyi si irarwaye. njye ku giti cyanjye nta cyukuri ntegereje muri aya matohoza. baratohoza iki? ese bazaza bemeze ko amazi ya Kagera atemba agana mu rwanda! ibintu biri clear imirambo yageze muri rweru izanywe n’uruzi rw’Akagera kandi rutemba ruturuka mu Rwanda. Kandi ubwo bavuga ngo nta muntu iwabo babuze, barabeshya kuko hari abantu benshi cyane baburiwe irengero. noneho u Rwanda rizerekane ko abo baburiwe irengero bagifunze. ahubwo ikiyaga Rweru kerekanye bakeya.

  • Birya biziga nivyaba congomani bakoranye nimbonerakure zimwe ziriko ziragira imyimenyerezo ya gisirikare .murarabaneza ariko ico nzi coco nuko bishwe nabarundikuko nibo bamaze abantu.

  • Kuvuga ko ibiziga vyatemba biva mu kagera, ni video uzohava werekana uko vyashitse mukiyaga?

  • ISUMBAVYOSE nidutabaretumenye ababikoze ubutabazi bwa america IMANA ibuhumugisha icompa bikagaragara.

  • ISUMBAVYOSE nidutabaretumenye ababikoze ubutabazi bwa america IMANA ibuhumugisha icompa bikagaragara.

  • ISUMBAVYOSE nidutabaretumenye ababikoze ubutabazi bwa america IMANA ibuhumugisha icompa bikagaragara.

  • Mbe ko muri genocide yakorewe abatutsi mu rwanda, ibiziga babita mu kagera ko vyatemba gushika uganda, ko ntakizigacayovye ngo gice mu rweru???? ubu niho akagera gatevye kerekeza rweru? muragaba!!! hama kubeera iki abarundi bihutiye kubifuba??? mwe mwaba DD mwe muritega intahe!!!

  • Ntaruzi ndabona rutemba ruduga nta enquete ikenewe biragaraga ko ari abanyarwanda

  • Ni muceceke.ukurikuzomenyekanaabavuga ayayamuhe bazotangara ukuri kumenyekanye

  • Ivyo Muvuga Vyose Murihenda Mbe Nikuberiki?Abanyarwanda Bagerageje Kwiba Izomva?Barahumba Bazohinyuka

  • ingorane zibi bihungu vyacu ntibigera bashira ahabona ivyavuyemwo. ingorane zose zibaye kubabanyagihugu hatavuzwe ntaburyo bavuga ngo barimwitohoza ukazorindira ikivamwo ukabura. Amakungu atatubaye hafi tuzoshira. Tubaye turashimira Amerika kuriyo ngingo yogufasha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.