Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yongeye infashanyo ku barwanya Syria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yongeye infashanyo ku barwanya Syria

Amerika yongeye infashanyo ku barwanya Syria

dimanche 21 Ndamukiza 2013

John Kerry yabwiye abari mu nama yitiriwe abagenzi ba Syria yabereye Istambul ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziteguye kongera infashanyo yahora ihabwa abarwanya Leta ya Assad.

Ngo bazohabwa infashanyo nshasha iciye miliyoni 123 z’ama dolari ya Amerika, igizwe n’ibitari ibirwanisho.Yavuze ko perezida Obama afise ishaka ryo kubona Syria irangwa n’intwaro rusangi, ubumwe, itakivugwamwo Assad.

Abantu barenga ibihumbi 60.000 bamaze kurwa mu ntambara zimaze imyaka ibiri zandurutse ku kwiyamiriza perezida Bashar al Assad.

Bwana Kerry yavuze kandi ko infashanyo ituruka mu bihugu 11 vyiswe abagenzi ba Syria, izohora ica ku murwi "Free Syrian Army" uyobowe na general Salim Idris, ufise icicaro muri Turkiya.

Iyo nama yabereye Istambul yahuje abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu bitemera Leta iyobowe na perezida Assad.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.