Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amezi ane inyuma y’itembagazwa, Morsi yahamagajwe n’ubutungane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amezi ane inyuma y’itembagazwa, Morsi yahamagajwe n’ubutungane

Amezi ane inyuma y’itembagazwa, Morsi yahamagajwe n’ubutungane

lundi 4 Munyonyo 2013

Urubanza rwagirizwa uwahora atwara igihugu ca Misiri yatembagajwe n’igisirikare caho muri ico gihugu Mohamed Morsi, yagirizwa kuba yaranze itegeko ryo kugandagura abantu, rwatanguye.

Abamushigikiye bafunzwe canke banishwe n’ituratuzwa ryakorwa n’abategetsi bashizweho n’igisirikare kuva kuwa 3 Mukakaro, bahamagawe kuja hamwe mu gihe kuri uno musi wa mbere igenekerezo rya 4 Munyonyo, ariho Morsi aza kurenguka imbere y’ubutungane kuva afunguwe mw’ibanga, aho bamwe mbere bafise ubwoba ko hashobora kwaduka imishamirano.

Umwe mu bategetsi b’igipolisi yamenyesheje ikinyamakuru AFP ko hamaze gufatwa ingingo zishoboka zo gukingira iyo sentare, hamwe n’iyunguruzwa rya Mohamed Morsi gushika aho aza kuburanira. Abategetsi baza kurekura abantu ibihumbi 20000 i Kayiro mu Misiri kugira baze kuba hafi gutabara, mu gihe hovyuka gushamirana. Kuva ku mugoroba w’ejo ku w’Imana, abapolisi babiri barishwe hamwe n’uwundi agira gatatu yakomeretse mu gitero cabaye hafi y’Ismailiya, kuri canal de suez vyamenyeshejwe na bamwe mu bajejwe gucungera umutekano. Morsi ategerezwa kwitaba kuko yagirizwa ko yahamagariye kwica, bimwe bita incitation au meurtre aho yasavye ko bica abantu bariko bagira imyiyerekano imbere y’ikirimba, aho hari kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2012 abantu ndwi bakaba aribo bahasize ubuzima.

Mwomenya ko abantu 14, harimwo abamucungerera umutekano bamwegereye cane hamwe n’abarongozi batari bake bo mu bafrere musulmans, umugambwe yarasanzwe nawenyene akomokamwo, nabo bazorenguka muri urwo rubanza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.