Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amoko yo muri Kivu yagiriza abanyamurenge gukorana na M23 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amoko yo muri Kivu yagiriza abanyamurenge gukorana na M23

Amoko yo muri Kivu yagiriza abanyamurenge gukorana na M23

samedi 25 Rusama 2013

Mu gisagara ca Bukavu muri Kivu y’Ubumanuko isanzwe ndetse iri mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,ejo hiriwe itana mu mitwe hagati y’abanyamurenge n’ayandi moko.

Vyatanguye igihe abanyeshure b’abanyamurenge bakubitwa bagakomereka, ndetse bamwe baja no mubitaro. Inyuma yaho, imisore y’Abanyamurenge yaciye izibira ibarabara, ihagarika amapikipiki aca mu gisagara.
Imisore yo mu moko y’abarega, Abashi, Ababembe n’abandi, yaciye iza haca hatangura guterana amabuye.

Itana mu mitwe ryabandanije gushika nk’igihe c’isaha zitatu zo mu gitondo, igipolisi nico caciye kiza, kija hagati gisukamwo mabisi. Naho ico bapfa kitamenyekanye neza, ngo abo Banyamurenge boba bagirizwa kugirana ubucuti n’umurwi wa M23.
Abasanzwe bahaba bavuga ko uruhagarara ruhasanzwe, ariko gukozanyako hagati y’ayo moko bishika iyo hagize ikiba muri Kivu y’Uburaruko.

Abajejwe intwaro harimwo na buramatari wa Kivu y’Ubumanuko bahagurukiye mwene ubwo buguma, bakaba banashitse ku bitaro kuraba abakomeretse.
Bivugwa kandi ko hariko haraba amatohoza yo kumenya abatanguye ako kaguma kugira bahanwe. Muri uno mwanya umutekano wagarutse mu gisagara ca Bukavu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.