IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amwe mu makaminuza y’Ububirigi yahagaritse imigenderanire na kaminuza (...)

Amwe mu makaminuza y’Ububirigi yahagaritse imigenderanire na kaminuza y’Uburundi

lundi 14 Ndamukiza 2014

Inani mpuzamakungu z’amakaminuza yo mu Bubirigi zahagaritse vy’agateganyo imigenderanire zahora zifitaniye na kaminuza y’Uburundi, kubera ibigo vya kaminuza bimaze ukwezi vyugaye hamwe n’amahinyu yibonekeza mu gutanga akazi ku bigisha batabishoboye.

Mw’ikete ryo kuwa 8 Ndamukiza 2014 barungikiye Gaston Hakiza, umuyozozi wa kaminuza y’Uburundi, izo nani z’amakaminuza z’ububirigi arizo Académie de Recherche et d’Enseigment Supérieur (ARES), hamwe na Flemish Interuniversity council, ivyo bigo vya kaminuza mpuzamakungu bibona ko bikenewe ko bahagarika vy’agateganyo imigenderanire na kaminuza y’Uburundi, gushika isubiye gutanguza ibikorwa ku mugaragaro. Izo nani zimenyesha ko zamenye ko ibigo vya kaminuza bimaze ukwezi kwose kurenga barugaye imiryango inyuma y’itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 13 Ntwarante, itegeko ryirukanye abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi hamwe n’ishure nderabigisha ENS.

Izo kaminuza zivuga kandi ko zitewe impungenge n’ingingo ziguma zifatwa na Reta y’Uburundi, na cane cane muri kaminuza y’Uburundi. Bagira bati : "Turatewe umutima uhagaze n’itangwa ry’akazi hatizunzwe amategeko agenga ibisata bitandukanye muri kaminuza y’Uburundi. Ubukerebutsi mu kuronka amanota menshi nivyo bikwiye gufatirwako mu gutanga akazi ku bigisha b’abunganirizi bita "Assistants".
Inani z’amakaminuza yo mu Bubirigi zivuga ko zimaze kuvugana n’igihugu c’Ubufaransa ko zitegerezwa gufasha abashaka kubandanya ivyigwa vya doctorat baravye ubushobozi bafise ata guhengama, ari naho inyigisho z’akanovera zitsimbatara muri kaminuza y’Uburundi. Ayo ma kaminuza y’Ububiligi asaba umuyobozi za kaminuza y’Uburundi, Gaston Hakiza kubasigurira itegeko ryo kuwa 14 Nzero ryo gusubiramwo uko agafashanyo gatangwa, namba iryo tegeko rikurikizwa no ku gafashanyo gatangwa n’igihugu c’Ububiligi.

Ayo makaminuza arangiza iryo kete asaba ko ibikorwa vyosubira gutangura ukuri kwamye muri kaminuza y’Uburundi, bagashira imbere ibiganiro bihuza bose hamwe no kudakoresha igikenye mu bibazo biba bihari.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.