Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Andika" : Agashimwe ka mbere kazohabwa abandika mu rurimi rw’icongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > "Andika" : Agashimwe ka mbere kazohabwa abandika mu rurimi rw’icongereza

"Andika" : Agashimwe ka mbere kazohabwa abandika mu rurimi rw’icongereza

lundi 29 Mukakaro 2013

Uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi yaratanguje icese agashimwe bise ‘’Andika’’ ku nkuru zito zito zanditswe mu rurimi rw’icongereza, akaba ari agashimwe kambere kazotangwa mw’ihiganwa ry’abandika mu rurimi rw’icongereza.

Nk’uko bivugwa mw’itangazo ryavuye mu buserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, uwo mugambi ukaba uje mu ntumbero y’ivyo Leta zunze ubumwe za Amerika yiyemeje mu guteza imbere ururimi rw’icongereza mu gihugu c’Uburundi, na cane cane ibicishije mu gushigikira Uburundi mu kwinjira mu karere ka Afrika y’ubuseruko hamwe no kw’isi yose.

Uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika, Dawn Liberi yatumiye abarundi kuza baraja gusoma ibitabo biri mu bigo vy’ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika, aho mbere yamenyesheje ko hariho n’ibitabu vya "littérature africaine’’ mu rurimi rw’icongereza.

Iryo higanwa rikaba ryugururiwe abarundi bose bafise imyaka 18 kuduga, kuva kw’igenekerezo rya 25 Mukakaro gushika 15 Gitugutu 2013. Gutora icivugo co gushira muri utwo dukuru ni umwe wese yitorera ako ashaka ariko amajambo kirazira kurenza ibihumbi bitatu (3000mots).

Ku bipfuza guhiganirwa agashimwe "andika", bokwiyandikisha i Bujumbura baciye ku biro vy’ikinyamakuru IWACU biri muri Rohero, ibarabara ryitiriwe Ubufaransa, inomero 6. Bashobora kandi no guhamagara kuri +25722258957 canke bakandika kuri andika@iwacu-burundi.org.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.