Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Angela Merkel mu muduga utwibutsa James Bond - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Angela Merkel mu muduga utwibutsa James Bond

Angela Merkel mu muduga utwibutsa James Bond

samedi 26 Gitugutu 2013

Umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Angela Merkel amaze imisi yagiriza Leta Zunzubumwe z’Amerika ko zisuma urusaku mu kwumviriza ivyo avugana n’abamuhamagaye kw’iterefone yiwe. Mu nama y’abarongoye ibihugu n’amaleta vya Buraya, uwo mupfasoni yaje mu muduga ufise inomero ndangamodoka zibutsa umukinyi w’amareresi James Bond. Ibiharuro 007 akaba arivyo bihereza izo nomero.

JPEG - 25.3 ko
Imadoka yarireruye Angela Merkel

Ifoto yiyo modokari yo mu bwoko bwa Audi, ifise inomero ndangamodoka ziherezwa n’ibiharuro 007 isa n’iyo umukinyi wamareresi batazira James Bond. Uyu nawe, mu mareresi yiwe, akaba ari umwongereza w’umuhinga mw’igendereza. Benshi rero ubu baribaza nimba vyarahuriranye kubona Angela Merkel agendera muri iyo mudokari canke ko vyoba vyarateguwe kandi bifise insiguro bigomba gutanga.

Ico bikoze, ifoto yerekana inomero z’iyo modokari irazungurutse bikomeye ku mbuga ngurukanabumenyi z’amahuriro.

JPEG - 9.7 ko
Angela Merkel, umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi.

INGABIRE Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.