Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Angola : Amakenga ni yose ku buzima bwa Eduardo dos Santos - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Angola : Amakenga ni yose ku buzima bwa Eduardo dos Santos

Angola : Amakenga ni yose ku buzima bwa Eduardo dos Santos

jeudi 8 Myandagaro 2013

Mu gihugu ca Angola, abanyagihugu baguma biyumvira uko ubuzima bw’umukuru w’ico gihugu Eduardo dos Santos bumeze, inyuma yo kuva mu gihugu yerekeza muri Espagne kuwa 26 Ruheshi 2013 aherekejwe n’umufasha wiwe n’abahungu biwe batatu.

Nk’uko tubikesha Africa Review, Leta ya Angola yagumye mu gacerere ku kutaboneka kw’umukuru w’igihugu ca Angola. N’umugambwe MPLA uri ku butegetsi, ari nawo Eduardo dos Santos avamwo, ntaco barabivugako, mu gihe hari ibihuha ko ubuzima bwa Dos Santos butameze neza.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baherutse kubwira inama nshingamateka ko batewe impungenge n’umwnya uheze batabona umukuru w’igihugu Eduardo dos Santos.
Raul Danda wo mu mugambwe wa UNITA yagize ati "Tuzi ko yagiye muri Espagne kubera ibibazo vy’amagara amukitse. Twipfuza ko yokira vuba. Ariko n’aho biri uko umwanya uheze ni munini ata na kimwe tuzi kubera ko ntawigeze amenyesha abanyagihugu uko ubuzima bwiwe bwifashe."

Bibaye ubwa mbere umukuru w’igihugu Dos Santos amaze ikiringo kirekire ari hanze y’igihugu, kuko ntiyahora arenza indwi.
Eduardo Dos Santos yari amaze iminsi aja muri Espagne kwivuza amenyo. Uwo mukuru w’igihugu ubu afise imyaka 70 yagiye ku butegetsi mu mwaka w’1979. Niwe mukuru w’igihugu co muri Afrika agira kabiri amaze imyaka myinshi ku butegetsi, inyuma ya Teodoro Obiang Nguema Mbasogo wo mu gihugu ca Guinea Equatoriale.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.