Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Angola : Ikibazo ca RDC, kimwe mu vyirwa mu nama rukokoma ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Angola : Ikibazo ca RDC, kimwe mu vyirwa mu nama rukokoma ya (...)

Angola : Ikibazo ca RDC, kimwe mu vyirwa mu nama rukokoma ya CIRGL

jeudi 16 Nzero 2014

Mu nama rukokoma y’abakuru b’ibihugu b’ama Reta agize akarere k’ibiyaga bigari, CIRGL (Conference Internationale de la Region des Grands Lacs), ikabazo c’umutekano muke urangwa mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kiri mubigiye kwigwa.

Iyo nama rukokoma yahuje abategetsi bavuye mu bihugu bigize akarere k’ibiyaga bigari, n’Uburundi burimwo ikaba muke urwangwa mu bihugu nka Centrafrika, Soudani y’amaja Epfo, hamwe n’ikibazo co mu Buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

N’inama ibaye inyuma y’umwaka ibihugu 11 vyo mu karere k’ibiyaga bigari bishizeko umukono ku maserano yahuje ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’abagize inama mpuzamakungu y’ibihugu bigize karere ka Afrika yabereye i Addis Abeba.

Ayo masezerano akaba yarafise intumbero yo kugarukana umutekano mu karere kagize ibiyaga bigari hamwe no kwerekana ivyo Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo itegerezwa gukora, ivy’ibihugu bihana imbibe hamwe n’ibisabwa abava mu makungu mu kugarukana umutekano mu karere.

Igihugu c’Urwanda kikaba casubiye kandi gutungwa agatoke ko gishigikira umuhari M23 mu kunesha intambara muri Congo hamwe n’Ubuganda bushigikira ikiroberi. Aho ni mu gihe amasezerano bise “Accord-cadre” yashizwe ku mukono avuga ko kizira kwinjira mu buzima buraba ikindi gihugu. Abahoze bari mu kiroberi barenga ijana bari mu Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, mu Rwanda no mu buganda bakaba babaye barahagarikwa.

Ku ruhande rw’Urwanda, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Louise Mushikiwabo akaba atabihakana. Inteko za ONU (Monusco) zari zemeye, zikiyemeza kandi gushika ubu kugira aba FDLR kimwe mu bikiraje inshinga, zikaba zitaragira ico zikoze gushika ubu ku baroberi b’abahutu b’abanyarwanda.

Mwomenya ko mu vyashikirijwe n’umwe mu bahinga ba ONU, bivurwa ko igisoda c’abakongomani gihora rimwe rimwe gikorana n’aba FDRL, kigashima ko co kwigarurira ikindi kiroberi c’abaganda ba ADF-NALU. Hakaba hamaze mbere no kuba inama hagati y’abarongozi b’izo mpande uko ari zibiri.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.