IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > APRODH : Hussein Radjabu azorekurwa n’ubundi butegetsi

APRODH : Hussein Radjabu azorekurwa n’ubundi butegetsi

mercredi 28 Nzero 2015

Mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina untu n’akabanyororo APRODH bariyamiriza igumizwa mu munyororo rya Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD.

Uwo Mushingamateka asanzwe ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yapfunzwe yagirwa guhungabanya umutekano w’igihugu, aheruka gukurwa ku rutonde rw’abahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye akaba yaheruka gushikiriza mu ntara ya Ngozi ko umushingamateka Hussein Radjabu atari mu bazoronswa ikigongwe c’umukuru w’igihugu kuko ari mu banyororo bigenza nabi, ndetse akanamwagiriza ko yaheruka kugumura abanyagihugu ko yagira arekurwe.

Kubwa Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH, icagumije Radjabu mu Mpimba ni imvo za poritike gusa. Avuga ko mu minsi nawe nyene yamaze mw’ibohero rya Mpimba, atigeze abona uwo mushingamateka yigenza nabi, avuga kandi ko Hussein Radjabu atarigera ashirwa mu gasho ka wenyene kubera ukwigenza nabi.
Petero Karaveri Mbonimpa akabona ko Hussein Radjabu apfunzwe n’umugambwe CNDD FDD, ko azopfungurwa ubutegetsi buhindutse.

Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD yaciriwe umunyororo w’imyaka cumi n’itatu, akaba amaze imyaka umunani ari mw’ibohero.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nahereyo ahubwo uyo mumenja we ugira aroroshe !!!! Abo bose basumbwa na Rwasa naho ari umuhutu nkabo..nayo aba DD BOse nibamwe barakijanaaaaaaaa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.