Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arabie Saoudite: Abarenga 100 bapfuye baguweko n’igisenge c’umusigiti - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Arabie Saoudite: Abarenga 100 bapfuye baguweko n’igisenge c’umusigiti

Arabie Saoudite: Abarenga 100 bapfuye baguweko n’igisenge c’umusigiti

samedi 12 Nyakanga 2015

Abantu barenga 100 nibo bapfuye,abandi baharurwa mu ma 238 barakomereka mu gisagara ca Maka mu gihugu ca Arabie Saoudite,ahariko hasanurwa umusigiti,mu gihe bari mu masengesho.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano w’abanyagihugu,amenyesha ko iryo sanganya ryavuye ku mvura y’isengenya n’ibihuhusi vyuzuyemwo umusenyi vyahungabanije igisagara ca Maka,bica bituma imashini imwe mu zubaka irwa ku gisenge.

Iryo sanganya ribaye imbere gato y’igihe c’urugendo rweranda Haj, rwo gushengerera ico kibanza,rwama ruba uko umwaka utashe,uno mwaka rukazoba mu mpera y’uwezi kwa Nyakanga.

Urwo rugendo rwitabwa n’abantu baharurwa mu mamiliyoni bava mu bice bitandukanye vyo kw’isi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.