Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arabie Saoudite: Abarenga amajana indwi baguye mu rugendo rweranda i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Arabie Saoudite: Abarenga amajana indwi baguye mu rugendo rweranda i (...)

Arabie Saoudite: Abarenga amajana indwi baguye mu rugendo rweranda i Maka

vendredi 25 Nyakanga 2015

Abantu bashika 717 nibo bapfuye abandi 863 barakomereka mu misunikano yabaye mu rugendo rweranda rubera mu gisagara c’i Maka mu gihugu ca Arabie Saoudite,mu gihe abaislam bahimbaza umunsi w’intama.

Hari haheze imyaka mirongo ibiti n’itanu ata bantu nkabo bapfuye bari muri urwo rugendo.kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015,abantu barenga amajana indwi nibo bapfuye,mu mahuriro y’amabarabara abiri ari ahitwa Mina.

Igihugu ca Iran kimwe muvyaburiye abantu benshi muri iyo misunikano,cakiriza umurwi wari ujejwe uutekano muri urwo rugendo ko ariwo wavyifashemwo nabi,gushika aho abantu nkabo bitaba Imana.

Mwomenya ko hari haheze iminsi icumi,abantu 111 bitavye Imana aho muri ico gisagara inyuma yaho icuma kimwe mu vyakoreshwa mu gusanura umusigiti munini uri i Maka gitembagaye kikagwa ku bantu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.