Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arabiya Saoudite yatangaje ko idakeneye kuja mu nama nkuru y’umutekano ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Arabiya Saoudite yatangaje ko idakeneye kuja mu nama nkuru y’umutekano ya (...)

Arabiya Saoudite yatangaje ko idakeneye kuja mu nama nkuru y’umutekano ya ONU

mercredi 13 Munyonyo 2013

Igihugu ca Arabiya Saoudite catangaje ku mugaragaro ko kidashaka kugira icicaro mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’aho cari catowe kuja mu nama nkuru y’umutekano y’iryo shirahamwe mpuzamakungu. Kivuga ko kirekeye ico kibanza igihugu ca Jordaniya mu gihe ico gihugu coba gishaka kuja muvy’icaro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Kuri uwu wa kabiri wa 12 Munyonyo 2013, Abdallah Al-Mouallimi aserukira igihugu ca Arabiya Saoudite akaba yarandikiye ikete Ban Ki-moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ati : « Nagire ndabamenyeshe ko igihugu ca Arabiya Saoudite cafashe ingingo yo kutaja mu nama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, impamvu akaba ari uko Arabiya Saoudite itari bushore kuja muri ico kibanza ».

JPEG - 45.2 ko
Abdallah Al-Mouallimi aserukira igihugu ca Arabiya Saoudite

Iryo kete rikaba rinegura inama nkuru y’umutekano ku kungene itashoboye gukemura ibibazo bijanye n’umutekano muke hamwe n’amatati vyarangwa mu gihugu ca Siriya, mu gihe kugarukana umutekano biri muvyo itegerezwa kwihutira imbere y’ibindi.
Kuri iryo tangazo ryahereje ikete ryandikiwe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryanditswe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire mu gihugu ca Arabiya Saoudite n’ayandi makungu, mwomenya ko hari haciye ikiringo c’ukwezi kwose ryanditswe ariko rikaba ryatanzwe ku munsi w’ejo wa Kabiri.

Ku ruhande rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU naryo, Martino Nesirky, umuvugizi waryo avuga ikete barungikiwe ryashitse neza, ata vyinshi arengejeko. Martino agira ati : « Ubu ikibazo kiraba igihugu ca Arabiya Saoudite, inama nkuru ya ONU hamwe n’ibihugu biyikomokako ».

JPEG - 28.3 ko
Martino Nesirky, umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Twobibutsa ko hari haciye ukwezi kumwe gusa igihugu ca Arabiya Saoudite ari ubwa mbere kironka icicaro mu nama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Igihugu ca Arabiya Saoudite kikaba catanganje abategetsi batari bake kw’isi, kubona canka kuja muri ico kibanza kandi atari bose baharonka.

Ibihugu vya buraya bikabona ko igihugu ca Jordani gishobora kuja muri ico kibanza n’aho abatagetsi ba Jordani bataravyemeza.
Amatora mashasha akaba yimirijwe vuba mu nama nkuru ya ONU kugira batore ikindi gihugu coja muri ico kibanza mu kiringo c’imyaka ibiri, mu gihe igihugu ca Arabiya cotanguye amabanga yaco kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2014.

Mwomenya ko inama nkuru y’umutekano ya ONU igizwe n’ibihugu 15, igahindura ku mwaka ku mwaka. Ivyicaro vyayo bitanu ku bibanza 10 ifise mu bihugu, biza birahindagurika hisunzwe uturere birimwo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.