Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arakaza Mac Arthur umunyegori w’intamba mu rugamba aranezerejwe n’intambwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Arakaza Mac Arthur umunyegori w’intamba mu rugamba aranezerejwe n’intambwe (...)

Arakaza Mac Arthur umunyegori w’intamba mu rugamba aranezerejwe n’intambwe agezeko

lundi 18 Ntwarante 2013

Arakaza Mac Arthur avuga ko aravye igihe yatanguriye gukina umupira w’amaguru , abona ko agenda atera intambwe kuko yabitanguye akiri mutoyi mu mwaka w’2006, ubu akaba afise imyaka 28 .

JPEG - 16.5 ko

Mu mwaka w’2007, akaba yari umunyegori w’umurwi wa “Eggle noire” y’i Makamba .
Muri 2008 gushika 2009, yari umunyegori w’umurwi wa Vitalo FC .
Muri 2009 gushika 2010, yari umunyegori wa mbere mu mashuri y’umupira w’amaguru muri Afrika yepfo.

Kuva muri 2012, yari umunyegori w’umurwi wa LLB, hama atorwa mu banyegori b’umurwi nserukiragihugu kuko yabaye umunyegori yavyifashemwo neza mu bihugu vyose vyari vyitabiriye CECAFA mu mwaka wa 2012.

Ubu mu 2013 akaba ari umunyegori w’umurwi wa Frambo de l’Est ,umurwi ubu ufise ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa ry’u Burundi.

Ubu akaba ariko aritegurira urukino rw’intamba mu rugamba ruzozihuza n’umurwi nserukiragihugu wa Soudan, narirya abifisemwo ubumenyi bwinshi , eka n’ingene abandi bamubona, atabura guhamagarwa n’umumenyereza w’intamba murugamba.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.