Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arnaud Lallement umuhinga uno mwaka mu gutegura imfungurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Arnaud Lallement umuhinga uno mwaka mu gutegura imfungurwa

Arnaud Lallement umuhinga uno mwaka mu gutegura imfungurwa

jeudi 24 Gitugutu 2013

Arnaud Lallement afise imyaka 39 arongoye inzu y’uburiro yitwa L’Assiette du Champenoise ahitwa i Reims, niwe yatowe ku rutonde ruzosohoka mu mwaka w’2014 rukorwa n’ikigo c’abamenyeshamakuru 2 ba ba Faransa Henri Gault na Christi Millau gikwirikirana igenzurwa ry’ikirerere.

Arnaud Lallement asanzwe yaranatowe muri ba 5 bazi ubuhinga bwo gutegura imishatsi bita toques, vyakozwe nico kigo nyene kimaze imyaka 40 kivutse.« Birarenze! ariko no kubandi bari ku rutonde rw’uno mwaka. » kuri urwo rutonde ashaka kuvuga nka Pierre Gagnaire (1993), Michelle Troisgros (2003) n’abandi. Ati : « ndi uwa mbere ahimbawe kw’isi.», Aho yariko yishura ku bibazo vya AFP. Inzu y’uburiro L’Assiette du Champenoise yaguruwe na se wa Arnold mu mwaka wa 1975, yatanguye kuja gufasha se wiwe mu 1997, afise imyaka 23, aca aguma abikwirikirana aho se apfiriye mu 2002.

Yemeza ko uwo mwuga yawukoze awukunda kuko ariwo wabatunze kuva kera kandi ari nk ‘iragi. Ahejeje ishure ryo guteka, aho yigishijwe na Roger Verge, Michel Guerard, na Alain Chapel. Gufasha umuryango ntivyari vyoroshe ariko yategerezwa kubikora kugira umuryango ntubeho nabi kubera se rugo yapfuye. Kubwa Marc Esquerre, arongoye Gault na Milau, yemeza ko arnold abaye uwa mbere abikwiye, ko afise integuro y’igikoni ciwe isukuye birenze. Arnaud Lallement yemeza ko guteka kwiwe kugezweho kandi ari ukw’ubuhiga bugezweho mu gihugu c’Ubufaransa.

Ku rutonde ruzosohoka igenekerezo 28 Gitugu 2014, ruzoba ruriko abandi 16 harimwo umushasha umwe : Christian Le Squer, muri Ledoyen i Paris mu Bufaransa.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.