Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arnold Schwarzenegger yishakira kuba umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Arnold Schwarzenegger yishakira kuba umukuru w’igihugu

Arnold Schwarzenegger yishakira kuba umukuru w’igihugu

dimanche 20 Gitugutu 2013

Yavukiye i Thal Bei Graz mu ntara ya Styrie mu gihugu ca Autriche igenekerezo rya 30 Mukakaro 1947. Uwo ni igihangange c’umukinyi w’amareresi n’umunyepolitike Arnold Schwarzenegger. Apima ibiro 113, arazwi cane mu mareresi asohora nko muri za Terminator 1 na 2, Conan le Barbare eka n’izindi isinzi zamenyekanye cane kw’isi nzima. Yahawe ubwenegihugu bw’abanyamerika mu mwaka w’1983, aho amazeyo imyaka 20 yatorwa kurongora intara ya Californiya hari igenekerezo rya 17 Munyonyo 2003, akiyongeza igenekerezo rya 07 Munyonyo 2006.
Arnold Schwarzenegger amenyesha ubu ko ashaka kuba umukuru w’igihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Arnold Schwarzenegger yemeza ko ategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ashike ku butegetsi bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika mu mwaka w’2016.
Afise imyaka 66 y’amavuka, yiyemeje gukovya kugira asubirire Barack Obama, ariko rero arafise intambamyi kuko hari itegeko ribuza ba kavamahanga gutwara igihugu ca Amerika.

Inkuru zo kwizera zitangwa na New York Post zimenyesha ko Schwarzenegger ashaka guhindura iryo tegeko riri mw’ibwirizwa nshingiro Leta zunze Ubumwe za Amerika, hama aheze akoreshe amayeri yose atsinde amatora yo mu mwaka w’2016.

Si igikorwa coroshe kuri Arnold kuko kugira ahindure iryo bwirizwa n’uko yoba ashigikiwe na bibiri vya bitatu (2/3 ) vyabagize inama nkenguzamateka y’ico gihugu.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.