Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arsenal yavuye mw’ihiganwa n’aho yatsindiye i wabo Bayern Munich - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Arsenal yavuye mw’ihiganwa n’aho yatsindiye i wabo Bayern Munich

Arsenal yavuye mw’ihiganwa n’aho yatsindiye i wabo Bayern Munich

jeudi 14 Ntwarante 2013

Ibitsindo 2 ku 0 umugwi wa Arsenal watsinze umugwi wa Bayern Munich mu Budagi ntibihagije kugira ngo ushobore kubandanya mu gice ca kane c’igikombe ca Buraya c’imigwi yabaye iya mbere i wabo.

Mu rukino rwo kuri uyu wa gatatu ku kibuga ca Allianz Arena, igitsindo ca mbere ca Arsenal cabonetse ku munota ugira gatatu urukino rugitangura cinjijwe na Olivier Giroud.

Umugwi wa Bayern waciye uguma usatira uciye ku bakinyi bo ku mpande cane cane ku witwa Lahm ariko ntivyari bishemeye.
Umugwi wa Arsenal nawo waguma ukoresha inguvu ku mipira uronse yatakajwe n’abakinyi ba Bayern i ruhande y’urugo rwayo.

Igitsindo ca kabiri ca Arsenal cagiye kuboneka ku munota wa 86 urukino rugira rurangire ku mutwe watewe n’umukinyi Laurent Koscielny uhejeje guterwa mu mfuruka z’ikibuga.

Urukino rwahavuye rurangira ari ivyo bitsindo bibiri vya Arsenal ku busa bwa Bayern Munich.

Umugwi wa Bayern rero ni wo uzoca ubandanya ihiganwa kubera wari watsinze Arsenal 3-1 mu rukino rwa mbere rwabereye ku kibuga Emirates Stadium mu Bwongereza.

Umusatirizi wa Arsenal Olivier Giroud ati : "N’aho tuvuyemwo twagerageje, twitanze cane. Igitsindo ca gatatu badutsindiye i wacu ni co catubereye intambamyi".

Umukinyi w’inyuma wa Bayern Daniel Van Buyten na we ati : "N’ukuri twagize ubwoba hamwe badutsinda igitsindo ca kabiri. Urukino rwari rugoye kuko bobo ntibasatira baguma bazibira. Ariko abakinyi bacu babiri Shwany na Ribéry batashoboye gukina nibaza ko kimwe mu vyatumye urukino rugenda gurtya".

Uwundi mukinyi w’inyuma wa Bayern yitwa Dante wewe avuga ati : "Biraboneka ko dufise ibintu vyinshi dukwiye gusubiramwo kugira ngo dukomere kurusha. Ntitugume twiyumvira ko turi ibihangange".

Imigwi yaronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane ni munani : Real Madrid, FC Barcelone na Malaga yo muri Espagne; Bayern Munich na Dortmund yo mu Budagi; Juventus Turin wo mu Butariyano; Galatasaray wo muri Turquie; hamwe na Paris Saint-Germain wo mu Bufaransa.

Uko imigwi izohura mu ca kane c’igikombe ca Buraya c’imigwi yabaye iya mbere i wabo bizomenyekana kuri uwu wa gatanu, bivuye mu gikorwa c’ugutomboza kizotunganywa n’abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru i Buraya igihe c’isaha zitanu ku murango amasaha mpuzamakungu (isaha 7 ku masaha y’i Bujumbura).


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.