Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arsene Wenger yagira yirahire Mourinho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Arsene Wenger yagira yirahire Mourinho

Arsene Wenger yagira yirahire Mourinho

lundi 6 Gitugutu 2014

Arsene Wenger amenyereza umurwi wa Arsenal yaraye agomvye gutana mu mitwe na mugenzi we Mourinho amenyereza Chelsea, iyo hataba abagabo ibara ryari kurwa.

Igihe umurwi wa Arsenal wariko ukina na Chelsea, umumenyereza Arsene Wenger yagize agashavu ava mu kibanza yarimwo aja kurwana na Jose Mourinho wa Chelsea. Atanguye kumusunagura, Mourinho yagerageje kumufata i "Cravate" ariko baciye baja hagati barabanguranya abo bagabo.

Arsene Wenger bahejeje kumubanguranya, n’agashavu kenshi ati : " Mwese nobirukana, ntimunzi uko nshavura jewe!".

JPEG - 31.6 ko
Umuhagarikizi ariko abanguranya Mourinho na Wenger

Nawe Mourinho ati :" Ko yari ansanze mu kibanza canje yambona, ariko ntaco ko bitabaye".

Abo bagabo babiri bapfuye ko umukinyi wa Chelsea Gary Cahill ataronkejwe ikarata itukura ariko Wenger wewe yabona ko ayikwiye, hari ku munota wa 26 w’urukino. Mourinho ariko abwira umuhagarikizi ko arenganije umukinyi wiwe, niko kuvyura agashavu ka Arsene Wenger. Twobibutsa ko abo bamenyereza babiri basanzwe badacana uwaka kuva mu 2005.

Mwomenya ko urukino rwaheze umurwi wa Arsenal utsinzwe 2 ku busa (2-0). Ibitsindo vya Chelsea vyinjijwe na Hazard ikindi cinjizwa na Diego Costa yaguzwe avuye muri Atletico Madrid.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.