Accueil > Inkino > FOOTBALL > Asec Mimosa yo muri Cote d’Ivoire yatsinze Lydia Academique wo mu (...)
Asec Mimosa yo muri Cote d’Ivoire yatsinze Lydia Academique wo mu Burundi
lundi 22 Ndamukiza 2013
Mu gice c’umunani gishira icanyuma c’imirwi yabaye iya mbere iwabo, umurwi waserukiye Uburundi Lydia Academique waratsinzwe n’umurwi wo mu gihugu ca Cote d’Ivoire, Asec Mimosa igitsindo kimwe ku busa. Urukino rwo gusubiza rukazoba mu ndwi zibiri.

- Umurwi Asec Mimosa
Mu gihe biri uko mu mupira w’amaguru, umukuru w’ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi Diyodone Kwizera,aramenyesha ko abanonotsi b’abarundi bakoresheje umwanya mwiza mu mahiganwa yo mu ndwi iheze, bigaca bitanga umwizero ko Uburundi buzokwigenza neza mu mahiganwa azobera muri Leta zunze ubumwe za Amerika, mu Bufaransa, hamwe n’i Moscou.
Ukwinonora imitsi mu Burundi ngo kuriko kurakomera kuko umwigeme Diane Nukuri aherutse kuba uwu 8 mw’ihiganwa ry’isi ryo kwinonora imitsi ryabereye i Boston muri Leta zunze ubumwe za Amerika.
Aristide Nizigire
Messages
22 Ndamukiza 2013, 07:24, par Junior
Igitsindo kimwe ni ibisanzwe. Turasavye ababijejwe bafashe uwo murwi kwitegurira neza urukino rwo gusubiriza. Vyagaragaye ko umurwi LLB Academic ari kazoza muri football yo mu Burundi. Félicitation ku bakinyi