Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Ata mahoro, nta terambere rizoshikwako muri Afrika’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ’’Ata mahoro, nta terambere rizoshikwako muri Afrika’’

’’Ata mahoro, nta terambere rizoshikwako muri Afrika’’

mardi 19 Munyonyo 2013

Mu nama iriko ihuza abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika hamwe n’ibihugu vy’abarabu, abayitavye barashima intambwe ivyo bihugu bigezeko mu bisata vyo gufashanya nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ca Libiya Nouri Abou Sahmen ari kumwe na mugenzi we wo muri Gabon Ali Bongo Ondimba.

Umukuru w’igihugu ca Gabon akaba avuga ko ibihugu vy’Afrika n’ivy’abarabu bikwiye gushira mu maguru masha uburyo bwo guhanahana ibidandazwa, ivyo bikaba vyoza bishirwa mu ngiro mu nama izokurikira yo mu mwaka w’2014, ku buryo mu nama igira kane y’Afrika n’ibihugu vy’abarabu ico kibazo coba camaze kwigwa neza ndetse camaze kuja mu ngiro mu mwaka w’2016.

Imfashanyo rero igera ku muriyaridi w’amanyamerika akaba ariyo agiye kuzotangwa kugira afashe ibihugu vy’Afrika mu bikorwa vy’ubwubatsi. Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Etiyopiya asanzwe ari nawe arongoye muri iki kiringo ishirahamwe ry’ibihugu vy’Ubumwe bw’Afrika, yamenyesheje muri iyo nama iriko iraba kuri uyu wa kabiri kuwa 19 Munyonyo, ko ibihugu vy’abarabu vyofasha cane ibihugu vy’Afrika mu bisata vy’indero, ubuhinga bwa none, gutanga inyigisho ku banyafrika bipfuza kuja kwiga mu bihugu vy’abarabu, igisata c’amagara y’abantu no gufasha igisata co gutumatumanako amakuru, kugira iterambere risage abanyafrika bose, nk’uko vyabandanije bivugwa na Hailemariam Dessalegn, arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika.

Muri iyo nama iriko ihuza abakuru b’ibihugu bagera kuri 40 mu gisagara ca
Kuwait City muri Koweit, ikaba yitabwe kandi na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ariko rero naho ibihugu vy’Afrika biriko bariruka rwose mu guteza imbere abanyagihugu babanje kurwanya ubukene kugira iterambere riboneke, Ali Bongo Ondimba, umukuru w’igihugu ca Gabon we avuga ko ivyo vyose bizoshikwako mu gihe habonetse amahoro mu bihugu vy’Afrika. Amahoro amaze kuboneka, umwimbu uzorwira, ndetse n’abanyamitahe bakaba bozoshobora kuyizana muri Afrika.


IGIHE

Messages

  • Basha eka ntimubesha africa izotera imbere ibonetsemwo amahoro, none ko abo nyene bari muri zo nama aribo baboheye imugongo ibihugu batwara twogira gute ko aribo bakunzi binda barya bakanywa n’amaraso yabo batwara ntakundi nibibandanirize mugabo ikinezereza nikimwe tujana inzira ntawuja ikiriri canke muruvumera twese turibwa ninyo ntanigiceri ujana nta ninzu wiyubakira inyo nizo zirira urumva rero turi ibiribwa vyinyo.

  • Ewe Rita waratuntuye nk’abandi batari bake.Amahoro ahungabanya na ba "ndandende" baduhenda ngo turamuka kubwa bo bishakira gukeza ivyicaro vyabo vyiza.None ko Uwari uzi ko twese tuzopfa twobareka kuraba ingene batugabangana bakirira ivyo tutari buronkeko twe Ndya zabo.Abadutanguriye bati:"ZISHAHURWA ZIRIRA".Emera riho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.