Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Audace Bizabishaka arabeshuza ivyashikirijwe n’umushingwamanza wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Audace Bizabishaka arabeshuza ivyashikirijwe n’umushingwamanza wa (...)

Audace Bizabishaka arabeshuza ivyashikirijwe n’umushingwamanza wa BCB

mercredi 5 Ntwarante 2014

Audace Bizabishaka arongoye sendika SYGECO amenyesha ko ata mwenda n’umwe afitiye ibanki BCB ku giti ciwe. Ahubwo ibanki BCB niyo iheraniye ishirahamwe ryitwa chalet d’or yari asanzwe afisemwo umutahe, nk’uko abishikiriza, ibiherutse kuvugwa n’umushingwamanza wa BCB ni ikinyoma cambaye ubusa.

Umukuru wa sendika y’abadadandaza SYGECO mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 Rusama 2014, yabeshuje ivyashikirijwe n’umushingwamanza Banzubaze Sylvestre w’ibanki BCB, aho yamenyesheje ko uwo mukuru wa sendika SYGECO (Syndicat Général des Commerçants) aheraniye amabanki atatu, ibanki BCB, amafaranga agera ku 2.911.026.867 y’amarundi, ibanki BNDE 207.688.867, ibanki BGF 38 886 788 z’amafaranga y’amarundi.

Umukuru wa sendika SYGECO avuga ko ivyashikirijwe n’umushingwamanza wa BCB ari ibinyoma bitagira ifatiro, kuko avuga ko ata mafaranga namwe afitiye izo banki uko ari zitatu. Agira ati : "Twashaka kumenyesha ko ata ruhera na rumwe Audace Bizabishaka ku gatwe kiwe afitiye ibanki BCB hamwe n’ibanki BNDE, ahubwo nari mfitiye ideni ibanki BGF naryo nkaba narahejeje kuririha, nk’uko biri mu rubanza rwaciwe inimero 5459 rwerekana neza ko Audace Bizabishaka ata deni na rimwe afitiye ibanki BGF guhera kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2009."

Audace Bizabishaka amenyesha ko ahubwo ibanki BCB ariyo imufitiye umwenda, kuko ishirahamwe chalet d’or asanzwe yari umunyamutahe, ingurane bari basavye muri iyo banki batigeze bayironka, batako baragumya n’ingwati yari yatanzwe.
Audace Bizabishaka amenyesha ko agiye kiwitwarira umushingwamanza Banzubaze Sylvestre muri rwa rwego rw’abashingwamanza kubera ko yacafuje izina rya "Audace Bizabishaka", yongera ashikiriza ibinyoma yagiriza umuntu ata vyemezo afise, ivyo rero bikaba biciye kubiri n’akarangamutima k’uwo mwuga w’ubushingwamanza, nk’uko Audace Bizabishaka abandanya abishikiriza.

Audace Bizabishaka asaba ko umushingamanza Banzubaze yohagarikwa mu rwego rw’abashingwamanza mu kiringo c’umwaka, yongere abuzwe kuja mu nama nkuru y’urwo rwego. Mu gihe rero atoroka inyishu itomoye, Audace Bizabishaka amenyesha ko azoca yitwara muri sentare isubiramwo imanza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.