Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Australia : Umugore yibarutse umwana afise uduhanga tubiri dufatanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Australia : Umugore yibarutse umwana afise uduhanga tubiri dufatanye

Australia : Umugore yibarutse umwana afise uduhanga tubiri dufatanye

mercredi 14 Rusama 2014

Mu gihugu ca Australiya havurwa inkuru y’umugore yibarutse umwana w’umukobwa afise uduhanga tubiri dufatanye ariko akagira umutumba w’umuntu umwe.

Renee Young, yavyaye umwana w’uduhanga tubiri dufatanye, yari yaraburiwe n’abaganga agifise inda y’amezi atanu, ko azovyara umwana w’umukobwa afise uduhanga tubiri.
Amezi icenda ageze, kw’igenekerezo rya 7 Rusana 2014, ivyari vyaravuzwe vyabaye uko nyene, Renee Young yibarutse Hope na Faith bafatanye umubiri ariko bafise ubwonko bubiri.

Ico kiremwa c’umwana w’imitwe ibiri naho gifise umutumba umwe, abaganga bavuga ko ari abana babiri kuko bafise ubwonko bubiri budafatanye. Bakaba bavukiye mu gisagara ca Sydney mu gihugu ca Australiya, abavyeyi babo nabo akaba ari Renee Young hamwe na Simon Howie.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sudinfo canditse iyi nkuru, aba bana bavukanye ubumuga budakunze kubaho, bafatanye amasura, ariko bakaba bafise umutima umwe n’igihimba kimwe.
Ubwo bumuga budasanzwe butuma umwana avuka afise amasura afatanye ariko ingingo zindi zikaba imwe, bukaba bwitwa "Diprosopus". Abaganga bakavuga ko vyatewe no kuremwa nabi kw’umutwe akiri mu nda (malformation).

Renee Young, nyina w’ibibondo avuga ko igihe imbanyi yari igeze ku mezi nk’ane yari yaragiye mu cuma barabiramwo umwana ingene ameze, ariho baca bamubwira ko azovyara umwana afise amasura abiri afatanye.

Mwomenya ko abavyeyi b’ico kiremwa, Renee Young na Simon Howie basanzwe bafise abandi bana indwi bibarutse. Bakavuga ko inyuma yo kuva mu bitaro vy’indembe bibarukiyemwo, Hope na Faith amagara yabo yifashe neza kandi ko ata n’ingorane yo kwonka bafise.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.