Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Australie: Indege yunguruje inzoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Australie: Indege yunguruje inzoka

Australie: Indege yunguruje inzoka

vendredi 11 Nzero 2013

Ingenzi ziyunguruza zikoresheje i ndege yo mw ‘ikompanyi Qantas yo mu gihugu ca Australiya zimenyesha ko zasanze inzoka y’isato ipima imetero zitatu mu ndege barimwo.Ivyo bikaba vyabaye kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Nzero umwaka w’2013 .

Nk’uko umuvugizi w’ikompanyi y’indege ikorera mu gihugu ca Austaliya yabibwiye itororokanirizo ry’abafaransa AFP ngo iyo nzoka yoba yavuye mu gisagara ca Cairns kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Australiya aho iyo ndege yari ivuye gushika ku kivuko ca Moresby ku mugwa mukuru wa Nouvelle Guinée ariko ikaba yashitse ku kivuko ca Moresby yapfuye.Iyo nzoka ikaba ari inzoka yambere ndende muri ico gihugu ca Australiya .

Iyo nzoka ikaba yari yinyegeje mu murizo w’indege aho umwotsi usohokera ariko umurizo wayo ukaba waboneka kuko yari ndende cane, akaba ari naco catumye bashobora kuyibona.

Muri iyo kompanyi y’indege Qantas bakaba bamenyesha ko kuva batangura gukora ari iryambere babona igitangaza nk’ico .


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.