Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Australiya : Ubushuhe buhari bwoteka indya zigasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Australiya : Ubushuhe buhari bwoteka indya zigasha

Australiya : Ubushuhe buhari bwoteka indya zigasha

vendredi 17 Nzero 2014

Abanyagihugu bo muri Australiya ubushuhe budasanzwe burabarembeje. Ku munsi w’ejo kuwa kane bakaba babwiwe ko ahubwo akari nyuma gahinda kuko bushobora kwongerekana birenze, kuko imiriro ya nyakanga igera kw’ijana mbere ariyo imaze kwiyerekana.

Imirori ya nyakanga ishika 1000 yabonetse mu masaha 24 aheze. Imiyaga idasanzwe y’umuriro ishobora kwaduka kuri uno munsi wa gatanu, bigashobora kuza gutuma haba amasanganya menshi y’umuriro, nk’umuriro waturiye inzu zishika 55 ku munsi w’Imana.
Melbourne, umurwa mukuru w’intara ya Victoria, muri kino gihe naho nyene hari ubushuhe buteye ubwoba. Ubushuhe buri muri iyo Reta ya Victoria bwaheruka mu mwaka w’1908. Ico gisagara nyene gisanzwe cakira inkino zitwa "Open d’australia", izo nkino zahagaritswe kubera ko hari ubushuhe burengeje hakaba hari n’abakinyi badashwe (vomir), umwe mbere muribo akaba yanataye ubwenge, umunyezamu we yumvise atamerewe neza.

Muri iyi minsi itatu iheze, abantu bashika 109 rero bakaba barinjiye ibitaro i Victoria kubera uburuhe hamwe no kubura amazi mu mubiri ico bita déshydratation. Ibitigiri vyabaciye bafatwa bukumbi n’indwara y’umutima vyaciye vyongerekana nko kugwiza na kabiri. Abajejwe amagara y’abantu bo muri Reta yegereye Australiya bamenyesha ko nabo abantu bagera ku 129 aribo binjijwe ibitaro kubera ubushuhe burenze.

Ubushuhe bwa mbere bwabiciye biracika n’ubwo mu mwaka w’1939, mu gisagara ca Adelaide, aho ibipimo vyashitse kuri 46,1 degré celcius. Ariko ubu ico gisagara ca Victoria kikaba kitarashitsa ama degré 44,2 yatumye Adelaide yitwa igisagara ca mbere gishushe kw’isi nzima, nk’uko bivugwa n’ibiro bijejwe kuraba ivy’ibirere muri Australiya.
Abategetsi baratinya ko iyo miriro ya Nyakanga ishobora kuba nko mu mwaka w’2009 igihe umuriro wishe abantu 173 i Victoria wongera urazimanganya udusagara twinshi.

Ubushuhe bwakwirikiye iyo miriro yo mu mwaka w’2009 bwahitanye abantu bagera ku 374 muri ico gihugu nyene hamwe n’abandi 64 bo mu bumanuko bwa Australiya. Nk’uko bivugwa n’abanyagihugu bo muri Australiya, baguma baja kwita mu mazi boga kuko n’impwemu zohera kubera ubwo bushuhe. Ubushuhe buriho bwaratetse n’amagi arasha, nk’uko bibandanya bivugwa.


Floxella Karire

Messages

  • Imama nigarukire bariya bene wacu bariko barasha bongera buma imitima kubera ubushuhe bavandimwe ntimugire ngo igihe kirabesha niyo narindi kumusi1 yewe sije nabonye mpfashe indege yerekeza africa yepfo abagore bagenda uko imana yabaremye abana abagabo nuko mbese dukwiye kubasengera eeebabawe nagahinda bapfuye bumye kuko aho bukera n’inzuzi zirakama mayi babure ihungiro.data wo mwijuru fasha bene wacu batuyeyo ubarinde kuko niwewe buhungiro.

  • yoooooooooooooo mbega Imana yaduhaye igihugu ciza gutya ! Ewe burundi ukwiye gutezwa imbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.