Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Australiya yogaba imbere y’igihugu cihanije Espagne - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Australiya yogaba imbere y’igihugu cihanije Espagne

Australiya yogaba imbere y’igihugu cihanije Espagne

mercredi 18 Ruheshi 2014

Inkino z’umupira w’amaguru ziriko zihuza ibihugu 32 bihiganirwa igikombe c’isi zirabandanya ku munsi ugira 6 w’amahiganwa. Ibihugu biriko bikina inkino zo gukurakuranamwo mu gice ca cumi na gatandatu c’amahiganwa.

Ku rutonde, kuri iri genekerezo rya 18 Ruheshi, igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, hakina ibihugu vya Australiya na Pays bas ku kibuga c’i Porto Algre. Austalia yaheruka gutsindwa na Chilli ibitsindo 3 kuri 1, Pays bas nayo yatsinze Espagne ibitsindo 5 kuri 1. Igihugu ca Australiya cohagabira.

Igihe c’isaha zitatu z’ijoro (21h00), hatana mu mitwe ibihugu vya Espagne na Chilli ku kibuga kiri i Rio de Janeiro. Ivyo bihugu vyose vyari vyatsinzwe mu nkino za mbere.

Urukino rwa nyuma ruhuza igihugu ca Cameroun na Croatie, isaha zitandatu z’ijoro (00:00) ku kibuga c’i Manaus. Eka n’ibi vyaheruka gutsindwa. Cameroun yari yatsinzwe na Mexique igitsindo kimwe ku busa, Croatie nayo itsindwa 3 kuri 1 na Bresil.

Inkino zabaye kuri uwu wa kabiri zahuje igihugu ca Algerie na Belgique ku ntsinzi ya Belgique y’ibitsindo 2 kuri 1. Urukino rwa kabiri rwahuje Bresil na Mexique vyanganije ubusa ku bundi (0-0). Urwa nyuma rwahuje Coreya y’Epfo na Russie ruhera ari kimwe ku kindi (1-1)


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.