Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
AZAM TV yatanguye kwerekana inkino zo mu cicaro ca mbere mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > AZAM TV yatanguye kwerekana inkino zo mu cicaro ca mbere mu (...)

AZAM TV yatanguye kwerekana inkino zo mu cicaro ca mbere mu Burundi

dimanche 13 Nyakanga 2015

Imboneshakure yo mu gihugu ca Tanzaniya AZAM TV yatanguye kwerekana inkino z’ihiganwa Primus Ligue mu Burundi,kuwa gatandatu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2015.

Urukino rwa mbere rw’ihiganwa ryo mu Burundi rwaciye ku mboneshakure AZAM TV,rwahuje umurwi wa Messager Ngozi na Aigle Noir y’i Makamba,urwo rukino rwabereye ku kibuga Rukundo co mu ntara ya Ngozi.

AZAM TV yatanguye kwerekana inkino zo mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi ,inyuma y’amasezerano bagiraniye n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB agaterwako umukono kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2015.

Muri ayo masezerano nyene,bitegekanijwe ko AZAM TV izotanga amafaranga angana n’ibihumbi 80 vy’amadorare y’abanyamerika ku mwaka,yo gushigikira ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Mu ntumbero yo kubandanya ayo masezerano,kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Nyakanga 2015,imboneshakure AZAM TV irerekana urukino ruhuza umurwi wa Vitalo FC na Flambeau de l’Est yo mu Ruyigi,urukino rubera ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore,kuva isaha icenda y’umuhingamo.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.