Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamara amezi 6 banywa amaraso n’amata kugira bavyibuhe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Bamara amezi 6 banywa amaraso n’amata kugira bavyibuhe

Bamara amezi 6 banywa amaraso n’amata kugira bavyibuhe

mardi 5 Munyonyo 2013

Mu gihugu ca Etiyopiya hari ubwoko bw’abantu bita aba BODI abo nabo barakunda cane umugabo avyibushe ku buryo abasore bo ngaho bamara amezi atandatu banywa amaraso n’amata kugira bavyibuhe.

Amaraso n’amata vyoba bifasha abantu kuba banini kandi umugabo atowe ko ari we munini aba akunzwe cane n’umwigeme wese kandi akama avyubahirwa ibihe vyose. Inkuru yavuye ku kinyamakuru co mu gihugu c’ubwongereza "Daily Mail" yerekanye ko muri ubwo bwoko bw’aba Bodi bakunda cane umugabo avyibushe bakaba banabikorera ihiganwa, ariko bisaba kwihangana kudasanzwe kuko umusore afungura ibidasanzwe kugira atahukane agashimwe ko kwitwa umusore avyibushe muri ubwo bwoko.

Abasore baba bashaka kurushanwa bamara amezi atandatu bafunzwe barya imfungurwa nyinshi cane kandi banywa amata n’amaraso, bakazovayo aho hantu baba bugaraniwe ku munsi bita « ka’el » batangurirako umwaka mushasha, bagahiganwa uwemejwe nk’uwatabuye ibabi mu kuvyibuha akaba ariwe atsinze, akaba abaye intwari ubuzima bwose kandi abakobwa bose baramukunda cane bakanipfuza kuzorongorwa n’umuntu nk’uwo.

Uko ihiganwa rigenda rero buri muryango utora umusore babona ko bazogaburira akavamwo umugabo avyibushe cane. Ivyo bimaze kuba bamushira mu nzu yiwe ari wenyene adasohokamwo aho abagore bamusanga bamugemuriye indya nyinshi cane, harimwo amaraso n’amata. Ikindi naco kugira uje muri iryo higanwa nuko uba utarashinga urwawe. Inyuma y’amezi atandatu rero haba urugendo (defilé), aho buri muryango ukerekana umusore wabo hama abakuru bo muri ubwoko bwaba Bodi bakerekana umusore aba yatsinze iryo higanwa. Uwatowe rero aca yirukirwa n’abigeme atari bake abo bakobwa bakumva bagize ubukwe n’uwo musore boba bagize amahirwe adasanzwe.


Floxella Karire

Messages

  • Hababagabo. babasha kurongora abagore babo??. abanye Ethiopia mwaragowe. ngewe sinabana numugabo ungana gutya!

  • EMWE,AHO UBONA AKABI KARATWENGWA NK’AKEZA. IVYO BIGABO VY’IMIDA UMENGO NI NYABWIJUTI,KANDI ATA N’ISONI BIFISE VYAMBAYE UBUSA !!

    HARAHO MWABONYE UMUNTU ANYWA AMARASO ?

    EMWE,UBURUNDI TURACARI ABAMBERE MU VYEREKEYE IMICO KAMA HAMWE N’IMIGENZO NDANGAKARANGA.

    TUZE DUKOMEZE AKARANGA KACU,HANYUMA UWANKA UBURUNDI AZE ABWANDUREKO.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.