Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamushize mu cumba c’uburuhukiro atarapfa, aheza apfirayo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bamushize mu cumba c’uburuhukiro atarapfa, aheza apfirayo

Bamushize mu cumba c’uburuhukiro atarapfa, aheza apfirayo

samedi 5 Ndamukiza 2014

Umuryango wo mu ntara ya Californiya mu Reta zunze ubumwe za Amerika waritwariye ibitaro Memorial Medical Center kuko vyashize mu cumba c’uburuhukiro umuntu wabo kandi akiri muzima, aheza apfirayo.

Umutamakazi Maria de Jesus Arroyo afise imyaka 80 yagiye mu bitaro vyitwa Memorial Medical Center afise indwara y’umutima, ahamaze iminsi mike, abaganga baca bamutwara mu cumba c’abapfuye (Morgue), kandi atari bwapfe.
Hageze ko baja kumupfuba, umuryango wiwe wemeza ko wasanze Maria yashizwe muri ico cumba akiri muzima, hanyuma agahava apfira muri ubwo bubiko ariko agerageza kwivanayo. Ivyo kandi vyemezwa n’abakozi bakorera aho mu vyumba vy’abapfuye (bamwe bafasha kwoza ibiziga), kuko bavuga ko basanze Mariya de Jesus Arroyo afise inguma ku maboko, ku mazuru no mu maso, kubera kugerageza kuvayo. Abo bamenyesheje ko igihe bamushira muri ico cumba izo nguma atazo yari afise.

Umuryango wiwe wagiriza ibitaro Memorial Medical Center ubute no kutitaho abarwayi. Abahinga muvy’ubuvuzi babonye, kandi baremeza ko Maria de Jesus Arroyo yatwawe muri ico cumba akiri muzima.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.