Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu bakuru b’ibihugu ntibitavye inama mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Bamwe mu bakuru b’ibihugu ntibitavye inama mu Bufaransa

Bamwe mu bakuru b’ibihugu ntibitavye inama mu Bufaransa

jeudi 5 Kigarama 2013

Muri ya nama buca ihuza abakuru b’ibihugu vy’Afrika mu gihugu c’Ubufaransa ku kibazo c’amahoro n’umutekano, bamwe mu bakuru b’ibihugu vy’Afrika baramaze kumenyekana ko batazitaba iyo nama naho baronse ubutumire, bakaba bazorungika intumwa, mu gihe abandi atabutumire barungikiwe.

Muri iyo nama rero, hari abakuru b’ibihugu batumiwe ariko batazojayo, kuko bavuga ko bafatiriwe n’ayandi mabanga bakaba bazoserukirwa. Muri abo, harimwo Paul Kagame arongoye Urwanda, Jacob Zuma arongoye Afrika y’Epfo, umwami w’igihugu ca Maroc Mohammed wa gatandatu, Abdelaziz Bouteflika arongoye igihugu ca Algeriya, na José Eduardo dos Santos arongoye Angola.

Uhuru Kenyatta arongoye igihugu ca Kenya

Nayo umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta , Robert Mugabe wa Zimbabwe na Omar El Bashir wa Sudani ya Ruguru ntibatumiwe, mu gihe baronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye. Nayo abarongoye ibihugu nka Madagascar, Guinée-Bissau, Égypte, Centrafrique nabo, ntabutumire baronse kuko bakuwe mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika kuko abakuru b’ivyo bihugu bagirizwa gutembagaza ubutegetsi.

Robert Mugabe arongoye Zimbabwe

Ariko rero naho biri ukwo, bamwe mu bakuru b’ibihugu batazitaba ubwo butumire bwa Francois Hollande bashikirije
imvo.

Jacob Zuma umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo

Jacob Zuma avuga ko adashobora gusiba mu nama y’umugambwe wiwe, aho bazoba bafise ikoraniro kaminuza ry’umugambwe ANC aho bazoba bavugana n’abo basangiye umugambwe ibijanye n’amatora yo mu mwaka w’2014.

Umwami Mohammed wa 6 w'igihugu ca Maroc

Umwami wa Maroc yaserukiwe n’umushikiranganji wiwe wa mbere. Umwami Mohammed akaba atamvo iboneka yamusibije yerekana, uretse ko yoba yamaze umwanya munini i Washington mu mpera za Munyonyo uyu mwaka.

José Eduardo dos Santos umukuru w'igihugu ca Angola

Umukuru w’igihugu ca Algeriya na Angola bobo, bivugwa ko amagara yabo yoba atifashe neza, aho mbere boba bari no mu bitaro.

Paul Kagame umukuru w'igihugu c'Urwanda

Nayo umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, akazoserukirwa n’umushikiranganji Louise Mushikiwabo, ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu. Imvo rero izotuma Paul Kagame atitaba, akaba ari ukwo, hategekanijwe inama muri ico gihugu, inama izohuza abanyarwanda bose ku magenekerezo ya 6 na 7 uku kwezi. Iyo nama bikavurwa ko ihambaye cane ku gihugu, kuko ari akaryo ko kuzoshishikariza abanyarwanda kugukunda igihugu cabo.

Petero Nkurunziza umukuru w'igihugu c'Uburundi

Tukabamenyesha ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza azitaba iyo nama yo kuri uyu wa 6 gushika kw’igenekerezo rya 7 Kigarama, aho ahava afata indege kuri uyu munsi wa kane, igenekerezo rya 5 uku kwezi. Urugendo rwiwe bikavurwa ko ruzomushikana no mu gihugu c’Ubuholande.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kagame .Ntiyojayo Ivyo.Yaboneye itoronto Birahagije

  • Egonivyo mzeeh president P Kagame Toronto yarahasebeye kubona muri Afrika avuga abanyafrika twese tugacabugufi ariko abari Toronto bakamubiza intuguta karyakagene batashika nibigarasha bicikaguritse ibihumbi cumi! Nanjendiwe nozandigumira mu Rwanda nkakomeza kubwira abanyarwanda ibintuvyakamaro canecane ndi Umunyarwanda nibijanye nagaciro.

  • Nashaka kumenyesha abo bandimwe ko amakuru barikuvuga ya Kagame i Toronto ko Atari byo namba kuko jewe nari mpari ntaco bamutwaye.nabambwirako ko umutekano wiwe warurinzwe bikwiye,ntaho yariguhurirra nabigaragabya,ikindi bari bake cane ntibageraga no kuri 50.
    saws murakoze.

  • barutuku bashaka iki? kuki batatumiye umukabwe Mugabe na bagenzibe. mwagizeneza kubamwanze kujyayo.ubutwali, umurava muzawuhorane

  • Ariko se Kagame ajya m’u Bufaransa mu nama y’amahoro muri Africa kandi u Rwanda rufite amahoro kurusha u Bufaransa? Kagame afite ubushobozi bw’umutekano kurusha President w’u Bufaransa. Kagame ntashobora gusaba ubufasha bwa gisirikare cyangwa bwa politique m’u Bufaransa, none arajya muri France gukora iki ? Naho abavuga Toronto, Canada ntibazi ibyo bavuga, kuko bariya biruka mu mihanda ya Canada ngo barapinga Kagame, ntibazi ko politique y’Abazungu yo gushyigyikyira opposition y’Abahutu yarangyijwe na Kagame kuko haba imyigarangambyo y’Abahutu n’Abatutsi. Mwe muri abajyinga cyane. Ngo murapinga Kagame? Uzabaze Abafaransa.

  • Ukobangana kwose abari Toronto barahambaye kuko nimwatubwira ko yakoreye Kagame day muri Hotel Sheraton tozocatwemera kwari gihangange vyukuri!

  • mwese muvuga ivya kagame ntawe muzi numuntu wumugabo cane cane!!kuja muburafansa muragenda mwebwe abarundi mukunda gusabiriza nayo kagame ntaco yajayo guhiga abarya bicanyi gusa bakoze genocide ubundi bamaze iki ko abafrancais arabanyamacakubiri gusa!!barabeshe aba congolais nabahutu babanyarwanda baja gusarira toronto gusa!!harya mwibaza ngo les francais barakunda les noirs??!!noneho nabazungu boose!!ndabatwenze!

  • None Ko Nkurunziza Azitaba Iyonama Araraba Neza Ntihasubire Guhirikwa Ubutegetsi Bwe Azagire Urugendo Rwiza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.