Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban Ki Moon asaba amatohoza akwiye muri Syria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ban Ki Moon asaba amatohoza akwiye muri Syria

Ban Ki Moon asaba amatohoza akwiye muri Syria

vendredi 23 Myandagaro 2013

Ban Ki Moon yarungitse i Damas intumwa yiwe Angela Kane ajejwe gukura ibirwanisho mu bantu, kugira aje gusaba itohoza ryihuta, nk’uko bivurwa n’umuvugizi wiwe Eduardo del Buey.

Ubufaransa bwari bwavusavye ko hakenewe icokorwa kandi hakajamwo inguvu.
Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga ko igitigiri c’abana bamaze guhunga Syria, kimaze kugera ku muriyoni. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR kimwe n’iryitaho abana UNICEF bivuga ko ico gitigiri giteye isoni, aho bimenyesha ko abandi bana bashika ku miliyoni zibiri bahungiye hagati mu gihugu. Abaharanira guhindura ubutegetsi bavuga ko abantu amajana baraye bishwe mu gace ka Ghouta hafi y’umurwa mukuru Damas.

Amakuru dukesha BBC Gahuzamiryango avuga ko Leta ya Syria igereranya iryo koreshwa ry’ibirwanisho vy’uburozi nk’ibintu bidashoboka, kandi bitagira ifatiro.
Igisirikare ca Syria cemeza ko abakirwanya bavuze ivyo kugira basamaze amakungu yibagire ivyo abo barwanyi baherutse gutakaza mu ntambara.
Ukuri kumenyekane. "Sinshobora kwumva igituma uruhande urwarirwo rwose, rwaba urwa Leta ya Syria canke abayirwanya, rwanka aka karyo ko gushika ku kumenya ukuri." Ivyo bikaba vyavuzwe na Ban Ki Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ban Ki moon yavuze kandi ko uwariwe wese yokwifuza ko ukuri kumenyekana.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU avuga ko ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’uburozi, ahariho hose, mu bihe uko vyoba bimeze kwose, riteyeba riteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu. Icaha nk’ico gisinzikaza uburenganzira bwa kiremwa muntu, avuga ko cozana ingaruka zikomeye kuwagikoze.

Leta ya Syria, irahakana ikoreshwa ry’ivyo birwanisho, kandi nta kimenyetso cerekana ko ifise inforo yo kwemera ko iryo tohoza rikorwa. Abarungitswe gukora iryo tohoza, bashitse muri Syria ku munsi w’Imana, bakaba bari ku biromrtero 15 vy’ahabereye ivyo bitero biheruka, bafise uburengenzira bwo kuja mu bibanza bibiri vyonyene, mu bivurwa ko vyakoreshejwemwo ivyo birwanisho vy’uburozi. Ivyo bibanza birimwo igisagara ca Khan al-Assal, aho abantu 26 bishwe mu bitero bivugwa ko vyakoreshejwemwo uburozi mu kwezi kwa gatatu.


Aristide Nizigirel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.