Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban Ki-moon yahamagariye amakungu yose guhimbaza umunsi wahariwe Nelson (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ban Ki-moon yahamagariye amakungu yose guhimbaza umunsi wahariwe Nelson (...)

Ban Ki-moon yahamagariye amakungu yose guhimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela

mercredi 16 Mukakaro 2014

Ban Ki-moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamagarariye ibihugu vyo kw’isi yose guhimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela, mu gufasha gutorera inyishu ibibazo vyugarije imiryango yo kw’isi.

Mw’itangazo ryaraye risohowe n’igisata kijejwe gutanga amakuru mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i Pretoriya, kuri uyu wa 15 Mukakaro 2014, Ban Ki-moon amenyesha ko umuhisi Nelson Mandela ariwe yatumye intwaro ya karyanisha miryango ivaho, mu gihe n’ibindi bihugu bitari bike kw’isi, vyari vyugarijwe n’intwaro ya gikoroni yatuma batitegemvya.

Kubera ko gushika ubu kw’isi yose hakicigaragaza indyane mu bantu, ubukene, amakaburi, amahane, ihindagurika ry’ibihe n’ibindi, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ahamagarira ibihugu vyose kwitaba akamo ko guhimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela. Ban Ki-moon amenyesha ko umunsi wahariwe Nelson Mandela, wama uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro, ari akamo gahamagariwe abantu bose kugira ico bakoze mu guhindura ibitagenda neza aho baherereye.

Kuri uwo munsi wahariwe Nelson Mandela, abantu bose, imirwi canke amashirahamwe yose yo kw’isi, ahamagariwe gufata akanya kangana n’iminota 67 ku mwanya wabo mu kwibuka nyakwigendera Nelson Mandela mu gushigikira amashirahamwe asanzwe afasha abari mu ngorane. Ubutwari bwiwe, ukurwanira agateka ka zina muntu, ugushigikiranira, ukwitanga, bikaba ari bimwe mu vyaranze umuhisi Mandela inyuma y’imyaka 27 yamaze ari mu gasho.

Tubibutse ko igenekerezo rya 18 Mukakaro mu mwaka w’i 1918, ari umunsi w’amavuka y’umuhisi Nelson Mandela. Uwo munsi ukaba waciye wemezwa n’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka w’ 2009 nk’umunsi mpuzamakungu wamuhariwe wokwama uhimbazwa.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.