Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban Ki-Moon yasavye ko abasirikare bokwongerezwa muri Centrafrique - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ban Ki-Moon yasavye ko abasirikare bokwongerezwa muri Centrafrique

Ban Ki-Moon yasavye ko abasirikare bokwongerezwa muri Centrafrique

jeudi 24 Gitugutu 2013

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Organisation des Nations Unies), Ban Ki-Moon yasavye inama nkuru y’umutekano ko yotanga uburenganzira bwo kurungika abandi basirikare bagera ku majana atanu na mirongo itandatu (560) mu gihugu ca Centrafrique kugira bakingire ibikorwa vya ONU.

Imwe mu ngingo zafashwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira umutekano ugarukirwe muri Centrafrique kwabaye ugukomeza ibikorwa vy’abasirikare ba ONU bari muri Centrafrique, atari mu gisagara ca Bangui gusa, ahubwo no hanze y’igisagara. Ariko n’aho abo basirikare baboneka muri Centrafrique, kuva aho François Bozizé akomborewe, ibiro (BINUCA) vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri ico gihugu biguma bikorwako ibitero, bikongera bigasahurwa akari gake.

JPEG - 51.4 ko
Ban Ki-Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Ban Ki-Moon asaba rero ko abo basirikare bokwongerezwa, bakabanza bakarungika 250, abandi 560 bakazorungikwa abo bandi bamaze gukwiragizwa mu ntara.
Izo ngabo zizoba zifise igikorwa co gukingira inyubakwa n’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu muri Centrafrique, ariko biratomoye ko ahari icicaro c’iryo shirahamwe bazofasha kugarukana amahoro.

Inama nkuru y’umutekano irindiriye uruhusha rw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’abafasha muri ivyo bikorwa kugira bace barungika abo bandi basirikare ba ONU muri Centrafrique. Ibihugu vy’Ubwongereza na Leta zunze ubumwe za Amerika biracafise amakenga kuri iryo rungikwa ry’abo basirikare, kuko rishobora gutwara amafaranga yagenewe Somaliya isanzwe ariyo iza imbere mubofashwa kuri ivyo bihugu uko ari bibiri.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.