Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban Ki Moon yemeye kurera ikibiguru c’ingwe cari catakaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ban Ki Moon yemeye kurera ikibiguru c’ingwe cari catakaye

Ban Ki Moon yemeye kurera ikibiguru c’ingwe cari catakaye

lundi 30 Ruheshi 2014

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yarangije inama rukokoma yo kurabira hamwe ibidukikije, akaba yaciye yiyitirira ikibuguru c’ingwe cari yatakariye mw’ishamba rikingiwe ryo muri Kenya.

Ikibuguru c’ingwe c’amezi 6 cari catakariye mw’ishamba rikingiwe ryo mu gihugu ca Kenya (Parc National de Nairobi), caratowe maze gihabwa Ban Ki Moon. Ico kibuguru catowe kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ruheshi. Ikibuguru c’ingwe cahawe izina rya "Tumaini" bisigura "icizere".

Ban Ki Moon yasiguye iryo zina uku gukwirikira : "Ndacise "Cizere" kuko nizera ko abantu bashobora kubana mu mahoro n’ibidukikije". Yongeye ati : "Ndizera kandi ko iki kibuguru kigiye kubaho neza, maze gikure gikomere."
Ivyo yabivuze inyuma y’inama ya mbere rukokoma ku bidukikije yateguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Inama yamaze indwi iriko ibera i Nairobi ahari icicaro c’umugambi wa ONU uraba ibidukikije. Iyo nama yitabwe n’abantu barenga 1200 bava mu bihugu 193 bigize ONU.

Mwomenya ko Ban Ki Moon atari ubwa mbere ahawe kurera igikoko. Mu mwaka w’2009, igihe yari i Mongoli yahawe kurera indogobwa aca ayita izina rya "Mahoro". Inyuma yaho mu mwaka w’2008, muri Sudani y’epfo bamuhaye inka y’ishuri aca ayita izina ryiwe "Ban Ki Moon".


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.