Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bangladesh: Abantu 50 batowe ari bazima - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangladesh: Abantu 50 batowe ari bazima

Bangladesh: Abantu 50 batowe ari bazima

samedi 27 Ndamukiza 2013

Imirwi ijejwe gutabara abaguweko n’inyubakwa yatikije inganda watoye abagera ku 50 mu mfuruka bakiri bazima. Abantu baranezerewe bamaze kumenya ko hari abagihumeka muri ya nyubakwa yahenuka ku munsi wa gatatu.

Igipolisi cakoresheje imyuka irakira n’ibisasu kugira bashwiragize abantu bari mu myiyerekano yo gusaba gufatwa neza mu kazi ku bakora mu mahinguriro y’impuzu.
Iyo myiyerekano yatumye abantu barenga 290 bitaba Imana, bivuye ku nyubakwa yasidutse, yakoreramwo abahingura impuzu.
Abari mu myiyerekano bamenaguye imodokari, baturira n’inyubakwa ku murwa mukuru Dhaka.

JPEG - 39.5 ko
Inyubakwa yaguye Dhaka

Basaba ko bene amashirahamwe y’impuzu yakorera mu nyubakwa yaguye ku bantu ikiha inkumbi ku musi wa gatatu bategetse abakozi kugumayo kandi hari ibimenyetso ko ishobora guhenuka, ko bafatwa bakabazwa.

Abajejwe gutabara kugeza ubu baracariko baragerageza kurondera abakiri mu vyabomotse baharurwa mu majana, mu gihe abamaze kumenyekana ko bapfuye ubu bageze ku 290.
Tubamenyeshe ko ayo mahinguriro yakorera muri iyo nyubakwa yahingura impuzu zaja mu bihugu vya Bulaya na Leta Zunze ubumwe za Amerika.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.