Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bangladesh: Abantu umunani nibo bahitanwe n’umuriro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangladesh: Abantu umunani nibo bahitanwe n’umuriro

Bangladesh: Abantu umunani nibo bahitanwe n’umuriro

jeudi 9 Rusama 2013

Abantu baharurwa ku munani nibo bahitanye n’umuriro wadutse kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 Rusama 2013, mw’ihinguriro ry’impuzu riri mu gisagara ca Daca muri Bangladesh, inyuma y’indwi zibiri gusa ziheze igorofa yakoreramwo amahinguriro menshi isenyutse igahitana abantu bagera ku majana umunani.

Uwo muriro watanguye mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira igitondo co kuwa kane, mu gorofa ya gatatu muri cumi n’imwe zigize iyo nyubakwa. Aho uwo muriro watanguriye hakorera ihinguriro ry’impuzu.

JPEG - 8.7 ko

Abaje gutabara mu kuzimya uwo muriro bamenyesha abantu benshi bapfuye kubera kubura impwemu, bivuye ku mwotsi myinshi wari uvuye ku mpuzu zariko zirasha ari nyinshi. Ivyo bikemezwa kandi n’umuyobozi w’abajejwe kuzimya no gutabara muri Bangladesh, Mahbubur Rahman.

JPEG - 9.1 ko

Umukuru w’igipolisi c’aho i Daca, Khalilur Rahman, aremeza ko uwo muriro wahitanye abantu umunani harimwo mwene iyo nyubakwa, abakozi bane, intwazangabo mu gipolisi n’uwundi mupolisi umwe. Uwugira umunani akaba ataramenyekana.

Iyaduka ry’imiriro rirakunze kwibonekeza mu mahinguriro agera ku bihumbi bine n’amajana atanu ari muri Bangladesh, ivyo bigaturuka ku ntsinga z’amatara ziba zidateguwe neza canke zidakurikiranwa.

JPEG - 4.1 ko

Mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2012, umuriro wahitanye abantu ijana na cumi n’umwe.

Ishirahamwe rirwanira agateka k’abakora mu mahinguriro y’impuzu, Clean Clothes Campaign, rifise icicaro muri Amsterdam, rimenyesha ko abakozi baharurwa mu majana indwi aribo bamaze guhitanwa n’umuriro kuva mu mwaka w’2006.

Igihugu ca Bangladesh caciye gifata ingingo yo kwugara amahinguriro y’impuzu agera kuri cumi n’umunani muri Daca na Chittagong, igisagara ca kabiri, inyuma y’amasezerano bagiranye n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’akazi, bivuye ku mpanuka yo kuwa 24 Ndamukiza yabomoye inyubakwa Rana Plaza, igahitana abantu amajana umunani na batatu.

Twobamenyesha ko igihugu ca Bangladesh kiza mu kibanza ca kabiri kw’isi yose mu gushora impuzu hanze, ku mutahe w’imiliyalidi cumi n’icenda z’amadolare mu mwaka w’2011.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.