Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bangladesh: Igisirikare catumweko kugirango kibuze imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangladesh: Igisirikare catumweko kugirango kibuze imyiyerekano

Bangladesh: Igisirikare catumweko kugirango kibuze imyiyerekano

dimanche 3 Ntwarante 2013

Abanywanyi b’umugambwe Jamaat-e-Islami bakwiye ku nzu zikoreramwo igipolisi muri kano gatondo ko kuw’Imana, biyamiriza igihano co gupfa caciriwe umwe mu bategetsi bakuru b’uwo mugambwe.

Nk’uko amakuru dukesha BBC abimenyesha,abasirikare b’igihugu barungitswe mu gisagara ca Bogra kiri mu buraruko kugirango bafashe mu gikorwa co kubuza iyo myiyerekano.

Ayo makuru abandanya avuga ko,mu kubuza iyo myiyerekano imaze iminsi ine, igipolisi cakoresheje amasasu atica,n’imvyuka vyokera bikoroza amosozi.

Abashigikiye uwo mugambwe Jamaat-e-Islami batanguye imyiyerekano y’iminsi ibiri,iyo nayo iriko ibera mu gihugu cose.

Abantu bashika mirongo itanu nibo bamaze kuhasiga ubuzima kuva ku munsi wa kane.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.