Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bangladesh: inama nshingamateka yemeje itegeko ryo kwunguruza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangladesh: inama nshingamateka yemeje itegeko ryo kwunguruza (...)

Bangladesh: inama nshingamateka yemeje itegeko ryo kwunguruza urubanza

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Inama nshingamateka yo muri Bangladesh yatoye itegeko riha uburenganzira Reta bwo kwunguruza urubanza no gusubiranwo ingingo ya sentare idasanzwe ihana ivyaha vyakorewe mu ntambara

Iryo tegeko ariko rishobora gutuma haba ibihano bihanitse. Hari haheze indwi zibiri haba imyiyerekano isaba ko bacira igihano co gupfa abantu bagirizwa ivyaha vyakorewe ikiremwa muntu mu ntambara yatumye Bangladesh yikukira igihe yari mu bukoroni bw’aba Pakistan mu 1971.

Isinzi ry’abantu ryarakomye amashi ku murwa mukuru wa Dhaka igihe inama yemeza iryo tegeko.

Abarihinyura bavuga ko iryo tegeko rigambiriye guhana abo mu mugambwe rya ki islamu (Jamaat-e-Islami) badashaka ko Pakistan iha ubwigenge Bangladesh.
Uyo mugambwe wavuze ko Reta ishaka kuwusambura.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.